Uriho kugira ngo ushitse umugambi w’Imana

URIHO KUGIRA USHITSE UMUGAMBI W’IMANA 🌇3Amahoro y’Imana mwese ,kubari hafi no kubari kure mwese.

Mugice ca 2,twabomye ingene Yosefu yafashije bene wabo kandi bari baramwanse kugeza yaho bamwica ariko kubw’ubugombe bw’Imana ,yaramuzigamye ,ashitsa ic’Imana yamuremeye.

Benshi bibaza ko Gukorera Imana ,yuko arukuba uguwe neza , uba heza ,ugenda neza ,ufise vyose bimez neza. Oya sivyo Inzira z’Imana ,ninyinshi cane. No mw’ibohero igikorwa c’Imana kibayo

Filemoni 1:9-10<<Mpisemwo kukwinginga kubg’urukundo ,uko ndi kose Paulo umutama ,kandi none nd’imbohe ya Yesu Kristo .Ndakwitwayeko ku mwana wanje ONESIMO uwo navyariye mu minyororo>>

ONESIMO yarumukozi wa Filemoni .

Paulo nawe yari umugenzi wa Filemoni.Onesimo yarivye Sebuja Filemoni maze nawe aja gufungwa,niho Yasangayo Paulo ,nawe amubwira ijambo ry’Imana ,ari mu munyororo.

Niho yizera akihana ,hama asubira imuhira yarahindutse.

V11<Atakugirira ikimazi kera ,ariko noneho atugirira ikimazi twempi ,Niwe nyene nkurungikiye>>

Gushitsa umugambi w’Imana ,s’ukwica umubamyi,cank uwundi wese udakunda oya sivyo ,ariko nukwipfufiza uwonyene mudahuza ko yobaho neza.

Paulo ,ntabihe binini yamara mu minyororo ,kuko yaca abwira ubutumwa bwiza abasanzeyo ,bagahinduka eka mbere nabaza bamusanzeyo.

Urashobora gukora iciza ,ariko wewe ugowe ,abandi bakaronka imigisha canke umwidegemvyo ,muga wewe ukaguma uboshwe.

Paulo abo yabwira ijambo ry’Imana bagahinduka barashobora gufungurugwa ariko we akaguma afunzwe 

V13:<<Mba ndamugumije kugira ngw’ankorere,mugishingo cawe ,mboshwe n’iminyororo y’ubutumwa bgiza.>>

Kizobandanya….👉

Uhoraho abahezagire mwese