Wambara imyambaro ni?

Mbega ubwo imyambaro twambara yoba ihimbara Imana?Mbega nivyiza ko umugore canke umukobwa yambarana ipantaro canke ibutura?

Mbega nivyiza ko umugabo yambarana ijipo canke ikanzu zigikobwa?

Bibilia ibivuga kwiki?

Soma ikicirwa nturambirwe ngo nibirebire niwaheza gusoma nahawe kwifatira ingingo.

GUSUBIRA MU VYAGEZWE 22:5 havuga ngwiki?

5 Ntihaze hagire izina mukobwa yambarana impuzu n’izinamuhungu, canke ngo hagire izina muhungu yambarana nizinamukobwa: kuk’ukoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu.

Ncuti mukundwa ubwo ntaho uko wambara bigutuma uba ikizira ku Mana yawe?Mbega ubwo niwaba urumukobwa canke umugore ntaho woba wumva unezerwa nokwambara ipantalon canke ibutura? Nivyaba bikunezera ijambo ry’Imana rivuze ngo uri ikizira imbere y’Imana yawe.

Nahawe rero guhindura nturindire ejo , canke wibwire ngo nibisanzwe ndakubwiye ko ukwiye guhindura.

Niwarindira ejo canke izufise ngo zibanze zihere wibaza ko usigaje igihe kingana gute ukiri mumubiri?

Mbega ubwo ntiwoba urumugabo uryoherwa nokwambara nkabakobwa canke abagore? Ijambo rivuze ngo uri ikizira imbere y’Imana. Hindura bikiruyumusi nyene kuko ejo sahawe.

1TIMOTEYO 2:9 

Kandi nabagore nyene ,ndagombako bambara imyambaro biberanye ,bagendane isoni badahugumba …..

Ubwo munyambaro zawe woba wambara uko bibereye?Ntaho uko wambara vyoba bitirimutsa abandi?Isuzume urabe ko imyambaro yawe idatuma benshi bakwifuza?Wibuke ko ijambo rivuga ngo uwitegereza umugore akamwipfuza aba yamaze gusambana nawe.
Mbega mwige canke mu Dame ubwo ntuzohava ucirirwa urubanza ko wasambanye kubwawe uzi ko atavyo wakoze?

Isuzume uhebe iyo mini jup wambara kuko uwo wese akwifuza kubwo kwambara nabi kwawe uzoharurwako nkuko wasambanye nawe.

Nawe musore ,mugabo ubwo ntaho witegereza umukobwa canke umugore ukamwifuza?

Menya ko ukwo kwifuza uzobiharurwako nkuko wasambanye nuyo wese wifuje.

Nizeye ko tugiye guhindura uko tugenda munyambaro zacu bitazotuma tuba ikizira imbere y’Imana.

Urashobora nokurungikira ubu butumwa abandi kuko igihe tugezemwo abantu benshi baramaze kubona ko ipantalon , ibutura kumugore canke umukobwa kwaribisanzwe ariko ijambo ry’Imana rivuze ngo uwukora ivyo wese aba abaye ikizira imbere y’Imana.