Umuhirwe ni nde?

UMUHIRWE NI NDE?       LUKA12:37

☄☄☄☄☄☄☄

Mwene DATA, iki gihe beshi barasinziriye basinzirijwe n’imihangayiko y’ivy’ubuzima 

Ariko ukwo biri kwose ntiwibagire ko abakijijwe tufise ico tureretse, tur’abateramyi.

Har’uwagiye agira agaruke, uwo ni YESU MWAMI w’amahanga yose duteramiye ukuza kwiwe!

Ntakindi kimugarukanye atari gushitsa isezerano ryo kutujana.

Ntaje gukura mw’itiro abari mw’itiro basinziriye kuko !!!!!

Aje gutora uwo wese ateramiye ijambo ryiwe.

Wirabe nimba uri maso canke usinziriye?

Ur’umuhirwe wewe uteramye udaterwa ubunebwe n’ijambo ry’IMANA ndakuremesheje ko ico uteramiye ni kizima kandi uri n’impera ikomeye cane gose!

Kuko abo YESU azoza asanga turi maso nitwe azojana tuje kunezeranw nawe ibihe bidashira!

Mwarahezagiwe

LUKA12:37