Umusi umwe umuntu wumukene yaciye k, urugo rwumutunzi maze aca arinjira ngo aje gusaba icomuhembura hanyuma wa mutunzi amubonye amwamirira kure ahubwo aca amuha agatebo yashiramwo umucafu ngo aje kuwusesa kuko yabona ko atakindi akwiriye atarukumuha umucafu hanyuma wamukene aragamburuka aragenda arasesa wamucafu maze ahejeje kuwusesa aca arafata kagatebo ar agahanagura neza araheza arondera amashurwe yubwoko bwinshi ashiramwo aruzuza araheza ashira wa mutunzi ati akira agatebo kawe wamutunzi amara umwanya yumiwe amarira amuzunga mumaso araheza abaza wamukene ati : kuki naguhaye agatebo kuzuye umucafu nawe ukaba ukanzaniye kuzuye amashurwe kandi meza caaane ?? Wa mukene aramwishura ati *buriya nawe siwewe kuko wampaye ivyo warufise ku mutima kuko umuntu atanga ico afise wewe wampaye ivyari mu mutima wawe nanje nguhaye ivyari mu mutima wanje!!! Ntushobora guha abandi amahoro canke umunezero nawe atavyo ugira iyo wuzuye ivyaha n,ubwoba ntushobora kubera abandi umugisha ahubwo ubabera nk,ihwa riza rirabazibura ese icompa tukuzura amahoro n,umunezero biva ku Mana maze tukabihako n,abandi babikenye, uwukubwiye nabi umwishure neza, uwugokoreye ikibi umwiture ineza nabandi batwigireko nkuko ijambo ry, Imana rivuga ko tur, umunyu w,isi kandi ko tur,umuco w,isi reka rero tubibemwo kandi tubigenderemwo!!!* _Yezu Abane natwe twese_