Indwi ya 1 kuwa 5

_*Indwi ya 1 y’Ubushikiro : ku wa gatanu.*_*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (29, 17-24)*

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana:

Mbega, ntihasigaye akanya gato,

umusozi wa Libani ugahinduka itongo rimera cane,

na ryo itongo rimera rigahinduka ishamba?

Kuri urya musi, ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo mu gitabu,

amaso y’impumyi na yo azoba yakize ivyijiji n’umwijima

ngo abone neza.

Abicisha bugufi bazosubira kunezerwa mu Mukama,

kandi n’abahora ari bakene mu bantu bazohimbarwa

mu Mweranda w’Israyeli,

kuko uwahora abatwaza umukazo atazoba akiriho,

n’inkozi z’ikibi na zo zizoba zatikiye;:

nka ko nyene, ni bo bakunda kubeshera abandi,

bagahendahenda abacamanza muri sentare,

bakazibiranya abantu b’intungane n’amajambo atagira mvura.

Ni co gituma Umukama, ari We Mana y’inzu ya Yakobo

akaba ari we yacunguye Aburahamu,

yavuze ati:

«Kuva ubu, Yakobo ntazosubira kumaramara,

kandi ntazosubira kwirabuzwa umutima;

kuko bazobona ivyo nkorera hagati yabo,

bagahava baninahaza izina ryanje.

Mbere bazoninahaza Umweranda wa Yakobo,

batinye Imana y’Israyeli.

Abazimiye mu mitima yabo bazoca ubwenge,

abahora bidodomba na bo bemere kwigishwa.»

*IZABURI 26 (27) 1, 4, 13-14*

*Icit.: Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.*

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,

notinya nde wundi?

Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,

ni nde yompindisha agashitsi?

Hari ikintu nsaba Umukama,

ndagicambirwa:

ni ukuba mu ngoro y’Umukama,

imisi yose y’ubugingo bwanje.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza

kuri iyi si y’abazima.

Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,

nimwitege Umukama.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Umukama wacu, ng’uwo azananye ububasha, kugira ngo amurikire abasavyi biwe._

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu k’uko yashikirijwe na Matayo (9, 27-31)*

*Yezu avuye aho, akurikirwa n’abantu b’impumyi babiri bagenda barahogora bavuga bati: «Tugirire ikigongwe, Mwana sa Dawudi.» Yinjiye mu nzu, nya bantu b’impumyi bararenguka. Yezu arababaza ati: «Muremeye ko ivyo nobishobora?» Na bo bati: «Ego Mukama.» Aca abakora ku maso, avuga ati: «Ico mwemeye nimukironke.» Amaso yabo aca arabona. Yezu aca ababarira abakankamira ati: «Muramenye, ntihagire uwubimenya!» Yamara, ngo babe bagisohotse, baca baramwivuga muri ico gihugu cose.*