_*Indwi ya 1 y’Ubushikiro : ku wa gatandatu*_*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (30, 19-21. 23-26)*
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana, Umweranda w’Israyeli:
Yemwe mwa bantu b’i Siyoni, muba i Yeruzalemu,
ntimuzoba mukirira.
Umukama azobagirira ikigongwe
niyabumva muriko muramwambaza,
avyumvise azoca abumvira.
Mu magorwa mubona, Umukama azobagaburira ivyokurya,
mu marushwa na ho, azobahereza ibinyobwa.
Uwubigisha ntazoba acinyegeza,
namwe muzokwibonera n’amaso yanyu Uwabigishije.
Namwe mugiye iburyo canke ibubamfu,
amatwi yanyu azokwumva ijwi ribaturutse inyuma ribabwira riti:
«Iyo ni yo nzira, n’abe ari yo mujana!»
Umukama azoshungururira imvura
ku mirima muzoba mwabivyemwo imbuto,
kugira ngo umutsima muzokuramwo
ubasosere kandi ubazanire amagara.
Kuri urya musi, ibitungwa vyanyu bizorisha ku muyange wagutse.
Inka n’indogobwe zirima zizorya ivyokurya birimwo umunyu,
vyagosojwe urutaro n’intemere.
Ku misozi no ku mitumba miremire yose,
hazoba amasôko n’imigezi y’amazi.
Kuri wa musi w’ugutikira,
aho iminara izosidukira,
umuco w’ukwezi uzokwakaka nk’umuco w’izuba,
na wo umuco w’izuba uzorushirizaho indwi kwakaka,
– ungane n’umuco wo mu misi indwi nyene, –
aho Umukama azopfukira ibikomere vy’abantu biwe,
akavūra n’inguma baciwe.
*IZABURI 146 (147) 1-2, 3-4, 5-6*
*Icit.: Hahiriwe uwizigiye Umukama!*
Birahimbaye kuririmbira Imana yacu,
biraryoshe kumushimagiza.
Umukama ni we azokwubaka Yeruzalemu,
akoranirize hamwe abana b’Israyeli bari baganjwe.
Ni we akiza abo agatima kashegeshwe,
agakanda inguma zabo;
ni we aharura igitigiri c’inyenyeri,
imwe imwe akayita izina ryayo.
Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiza hasi.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Semerera cane, wewe utumwe kumenyesha Inkuru nziza!_
_Umukama Imana, ng’uwo azananye ububasha._
Aleluya.
*Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (9, 35-10, 1.6-8)*
*Muri irya misi, Yezu yagendura ibisagara vyose n’imihana yigisha mu masinagoga, asigura Inkuru nziza y’Ubwami, yongera akiza indwara zose n’ubumuga bwose. Hanyuma abonye abantu bari barushe cane bajonjogoye, basa n’intama zitagira umwungere. Araheza abarira abigishwa biwe ati: «Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abakozi ni bake. Sabe rero Nyenumurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe.» Ahamagaye abigishwa biwe Icumi na babiri, abaha ubukuru bw’ukwirukana amashetani n’ugukiza indwara zose n’ubumuga bwose. Araheza ababwira ati: «Muratumbera intama zatakaye zo mu muryango w’Israyeli. Mu nzira, gende murigisha ko Ubwami bw’ijuru burin hafi. Murakiza abarwaye, musubize ubuzima abapfuye, mutyorore abanyamibembe, mwirukane amashetani. Mwaronse ata co mutanze, namwe nimutange ata kiguzi musavye.»*