Dawidi wi Burundi agiye kugarukana ivyanyazwe.

1Samuel30:7-10:  Dawidi agarukana ivyanyazwe. 7)Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki, ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi. 8)Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura ati n’ubakurikire, kuk’utazobura kubahamvya, ukabaka vyose. 9)Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw’ar’amajana atandatu, bashitse ku musozi Besori, abari basigaye bagumaho. 10)Ariko Dawidi araramiriza, bo n’abantu amajana ane, abandi amajana abiri barasigara, kuko bari barushe, bananirwa kujabuka umugezi Besori. Imana idufashe kuramiriza nka Dawidi kugeza tujabutse umugezi Besori w’amageragezwa uri imbere yacu. Amen. Dukwiye: 1)Efodi y’agakiza canke y’Amaraso ya Yesu Kristo. 2)Gusiguza Uhoraho kugira tuneshe abansi, duteko tugarukane ivyo batunyaze vyose 3)Kuramiriza nka Dawidi n’aba bantu amajana ane bari kumwe, naho hari abarushe, bananiwe kujabuka umugezi Besori. Mpwemu Yera atwatire buri mwanya Kuramiriza mu rugendo ruja mw’Ijuru twese n’abandi kugeza tujabutse amahoro, uyu mugezi Besori w’isi n’ivyaha wananije benshi kuwujabuka mw’izina rya Yesu Kristo abidushitsako. Amen.