Uriho kugira ngo ushitse umugambi w’Imana 5

URIHO KUGIRA USHITSE UMUGAMBI W’IMANA 🌇 5
Ndabaramukije amahoro y’Imana kubari hafi no kubari kure.

Mugice ca4 twabomye ,ingene Paulo yandikiye icete Filemoni ,ca mubwira ko Onesime yahindutse ,atakiri Umusuma ariko ar’Incoreke y’Imana .

Yaramushingiye intahe Filemoni 1: 16<<Uz’umwakire atakiri umugurano ,ariko ari mwene so ,akundwa ,akundwa nanje cane,ariko arushiriza gukundwa nawe ,mu vy’umubiri no mu mwami wacu 

V17:Umwakire nkuko woba unyakiriye >>

Ijambo ry’Imana rirahindura .

Ryahinduye Paulo kera acitwa sauli akir’umugizi wa nabi,

Ryahinduye Onesime yar’igisuma ,ab’umuntu ashingirwa intahe n’abose.

Gushitsa umugambi w’Imana ,nuguhindura abandi kugira ingeso zabo mbi zibe nziza.

Harabatakigira ivyizigiro vyo kubaho ,bivamye n’ingorane baciyemwo , nivyo barimwo ,ariko ndababwira ko Imana yacu idaceregwa.

Ushobora no kuba uri mwibohero ,ugire ivyizigiro vyuko ejo hazoba heza.

Filemoni 1:22-23<<Kandi n’ikindi ,untegurire indaro ,kuko nizigiye yuko muzompabwa kubg’amasengesho yanyu.E papfura tubohanwe arabaramutsa>>

Umutama paulo no mu minyororo yiwe ,yarakoze ivugabutumwa .

Ushobor kuba atamaboko ufise ,ariko ibuke ko ufise umunwa 

Ushobora kuba ubona ko ur’ikimuga ,ariko uko nyene uri ushobora guhindura abandi .

Gushitsa ubugombe bw’Imana kenshi n’ukwitanga ,ubwawe ,ukitangira n’abandi.kugira baronke ubuzima bwiza nkuko Yesu Kristo yabikoze ,nizindi.ntumwa

Uhoraho abatahuze vyinshi cane .wiyumvire impamvu uriho ?