Ehe gushangashirwa kw’Uhoraho kurashitse

Umve Ukwoguhinda Kw’igugu Kumusozi,nk’ukw’igitero Gikomeye! Umve Urwo Rwamo Rw’amahanga Y’abami Akoraniye Hamwe! Uhoraho Nyen’ingabo Arikwarakoranya Ingabo Azitegurira Intambara.Ziva Mugihugu Cakure,kumpera Y’ijuru;Uhoraho Azananye N’ibirwanishwa Vy’ugushangashirwa Kwiwe,guhonya Igihugu Cose.Nimuboroge Kuk’umusi W’Uhoraho Urihafi Uzoza Ar’umusi Woguhonya Uvuye Kw’Ishobora Vyose.Ivyo Bizotuma Amaboko Yose Adendebuka,n’umutima W’umuntu Ushonga.Bazokwiheba;umubabaro N’uburibge Bibafate;bazobabara Nk’umugore Ari Ku Nda;bazorabana Bumirwe;kandi Mumaso Habo Hazohindurira Nk’umuriro. Eh’umusi W’Uhoraho Uraje,ni Ruburakigongwe Uzananye Ishavu N’uburake Bg’inkazi;ng’uhindure Igihugu Imisaka,ugeseze Abanyavyaha Baho Ngo Bagishiremwo Yesaya 13:4~9

Placide Nduwayezu