Ijambo ry’uyu munsi

 Zab.84:5-6. Arahiriwe umuntu inkomezi ziwe ziri mu Mana! Naho imibiri yacu n’ imitima yacu yoshira umunywera, Uhoraho niwe nkomezi zacu kandi n’umutabazi. Ukuboko kwiwe nikwo kuduha inkomezi.N’intore mu ntambara,niwe atura hasi abamwinantajeko, niwe ashwiragiza abansi bacu baturwanya. Uhoraho niwe atera igitsure abakora ibibi.

Ariko abubaha Uhoraho bagenda bunguka inkomezi, niyo boca mu mwonga Marira,bawuhindura ahantu h’amariba. Ncuti yanje ukenyere inkomezi, kugira urwane intambara nziza y’ ukwizera. Uhoraho nashimwe cane!!

Ndabifurije umusi mwiza.

Murakoze.