Indwi ya 2 kuwa 6

_*Indwi ya 2 y’Ubushikiro : ku wa gatandatu*_
*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (48, 1-4. 9-11)*

Umuhanuzi Eliya yarengutse ameze nk’umuriro,

ijambo ryiwe ryaka nk’urumuri,

ni we yateye amapfa mu gihugu c’Israyeli,

ubwira afitiye Imana bwamutumye amara benshi.

Kw’ijambo ry’Umukama, ni we yugaye ijuru,

aba ari we amanura umuriro gatatu kose.

Ukuntu uninahaye, Eliya, kubera ibitangaro wagize!

Uwokwirata ngo angana nawe yova hehe?

Warajanywe n’igihuhusi c’umuyaga w’umuriro,

utwarwa n’urureruzo rukwegwa n’amafarasi y’umuriro.

Ni wewe wavuzwe muri za mpanuro zigenewe igihe c’imperuka,

ngo utururuze ishavu ryimirije kuza,

ngo ugarurire imishaha y’abavyeyi ku bana babo,

ngo uborogere imiryango ya Yakobo.

Hahiriwe abazoterwa iteka ryo kukubona,

hahiriwe abazopfana urukundo rw’Umukama,

kuko na twebwe nyene, tuzoshikira ubuzima bwuzuye.

*IZABURI 79 (80) 2ac.3bc, 15-16a, 18-19*

*Icit.: Tugarure, Mukama, tuzoca turokoka.*

Wewe Mwungere w’Israyeli, ntega ugutwi,

Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe:

vyura ubutwari bwawe,

uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke:

n’urabire mw’ijuru wihweze:

n’ugarukire uwo muzabibu

wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,

umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe;

ntaho tuzosubira kukuvirira:

dusubize amagara tubone kwambaza izina ryawe!

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Umuzo w’Umukama uri hafi, We aje kudukiza_

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 10-13)*

*Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, abigishwa barabaza Yezu bati: «Igituma abigisha bavuga ko Eliya abwirizwa kubanza kuza ni iki?» Arabishura ati: «Ni ko Eliya abwirizwa kubanza kuza kuringaniza ibintu vyose. Mugabo ndababwiye ko Eliya yamaze kuza, ariko ntibamwibutse, vyongeye bamugiriye nk’uko bashaka. Ni uko rero n’Umwana w’umuntu bazomubabaza.» Baraheza abigishwa bumva ko ashaka kubabwira Yohani Batista.*