Indwi 3 kuwa 4

*Indwi ya 3 y’Ubushikiro : ku wa kane**IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya* (54, 1-10)

Ng’iri iryo Umukama avumereye kuri Yeruzalemu:

Tera impundu, wa ntavyara we,

ivuge amazina, wewe wahora utibaruka!

Kuko abana b’intabwa bazoba benshi gusumba

ab’inkundwakazi.

Niwagure ikibanza c’ihema ryawe,

uterereko izindi mpuzu,

wongere imigozi yazo kandi ukomeze imambo!

Kuko uza kuvyara benshi cane,

abuzukuru bawe bazokwiganzira ibihugu,

kandi ni bo bazoba mu bisagara vyahebwe.

Ntutinye, ntuzoteterwa;

ntumaramare, ntuzoterwa isoni.

Uza kwibagira amakuba y’aho wari umwigeme,

kandi ntuzosubira kwibuka intimba y’aho wapfakaye.

Umuremyi wawe ni we azoba umunega wawe,

izina ryiwe ni «Mukama Nyeningabo».

Umweranda w’Israyeli ni we azoba Umucunguzi wawe,

izina ryiwe ni «Imana y’isi yose».

Ego cane, Umukama yakwakuye

nka kurya bahamagara umugore w’intabwa yatuntuye umutima.

Umukama Imana yawe yavuze ati:

«Mbe hari uwirukana umugore batanguranye kwubaka

akiva mu busore?

Nari naguhevye akanya gatoyi,

none vyanyanse mu nda, ngiye kukwegeranya.

Hari igihe nari natwawe n’ishavu,

ndakwinyegeza.

Ariko, kubera urukundo rw’intakama ngufitiye,

nakugiriye imbabazi.»

Uko ni ko Umukama Umucunguzi wawe avumereye.

« Nagize nko muri ca gihe ca Nowa,

hamwe narahira ko isegenya itazosubira gutikiza isi.

N’ubu nyene ndarahiye

ko ntazosubira kugushavurira no kugutonganya.

Imisozi ishobora guhera,

mitumba igasanzara,

ariko urukundo ngufitiye ntiruzotituka,

isezerano ry’amahoro nasezeranye nawe sinzorihemukira.»

Umukama agufitiye imbabazi yaravyemeje.

*_IZABURI 29 (30) 2-4, 5-6, 11.12a.13b_*

Icit.: *Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye.*

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye,

ntiwampaye amenyo y’abansi.

Mukama, wankuye ku cobo,

unsubiza amagara.

Curarangire Umukama abamukunda mwese,

mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.

Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,

urukundo rwiwe rugahoraho;

ku mugoroba baraboroga,

mu gitondo bagatarika.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe!

Mukama, n’uze kundokora!

Wankuye kugandara, unjana kuvyina;

Mukama, Mana yanje, nzoguhaya imyaka yose!

*INKURU NZIZA*

*Aleluya, aleluya.*

_Nimutegure inzira y’Umukama, mugorore mimyuro yiwe, niho umuntu wese azobona urukiza ruva ku Mana_.

*Aleluya.*

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (7, 24-30)

*Intumwa za Yohani zimaze kwijura, Yezu yaciye yiganira ishengero ibirora kuri Yohani, ati: «Mbe, mwagiye kuraba iki mu bugararwa? Ikibingo kizungagizwa n’umuyaga? None se, mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye iziremvye? Ariko abambaye iziremvye kandi baba mu bihimbaye babarizwa mu ngoro z’abami. None, mwagiye kuraba iki? Umuhanuzi? Ego cane, ndabibabwiye, ndetse aruta umuhanuzi. Ni we ibi vyanditswe biroreshwako, ngo: “Ng’iyi intumwa yanje yitangiye imbere yawe ngo igutegurire inzira”.»*

*Ndabibabwiye: mu bana b’abantu nta n’umwe asumba Yohani Batista, ariko mu bari mu Bwami bw’Imana, umuto muri bo aramuruta. Igihugu cose caramwumvise, n’abatozakori nyene, baraninahaje Imana mu guhabwa ibatisimu ya Yohani; ariko, Abafarizayo n’abahinga b’amategeko bo barapfishije ubusa ingingo y’Imana mu kwanka ko ababatiza.»*