*Indwi ya 3 y’Ubushikiro* : _ku wa gatanu_
*IGISOMWA CA MBERE*
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1-3a.6-8)
Ng’iri irivuzwe n’Umukama:
Kurikiza ukuri,
ukore ubutungane,
kuko urukiza rwanje ruri hafi gushika,
kandi ubutungane bwanje buri hafi kwiserura.
Hahiriwe umuntu agenza atyo
n’umwana w’umuntu adatirigana muri ivyo,
agahimbaza umusi w’isabato ntawukengere
akongera akirinda akabi kose.
Umwana w’akavantara yemeye gukurikira Umukama,
nareke kuvuga ati:
«Umukama ntazobura kunkura nkava mu gihugu ciwe.»
N’abana b’akavantara bemeye gukurikira Umukama
ngo bamukore,
bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi,
ntibakengere umusi w’isabato
kandi bakagumya ibanga ry’isezerano ryanje,
abo nzobajana ku murambi mweranda iwanje.
Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda,
inkuka zabo n’imbagwa zabo
nzozakiriza yompi ku ruhimbi rwanje,
kuko ingoro yanje izokwitwa
“Ingoro abantu bose basengeramwo”.
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana
ikoranya impunzi z’Israyeli :
«Abo namaze kugarura mw’ikoraniro ry’Israyeli,
nzobongerezako abandi.»
*IZABURI 66 (67) 2b-3, 5, 7b-8*
Icit.: *Intara nizemere yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe!*
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.
Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko utwara igihugu mu butungane,
kandi kuko uyobora neza intara zo kw’isi yose.
Imana ari yo Mana yacu yaduhaye umugisha;
Imana n’iduhezagire yongere isengwe
kuva iyo isi iva ikagera.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
_Ingo, Mukama, Mana yacu, uturokore! N’utwereke inyonga zawe, tuzoca dukira._
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani* (5, 33-36)
*Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda, ati: «Mwaratumye intumwa kwa Yohani, araheza arashingira ingingo ukuri. Si uko mbabaye ingingo ishinzwe n’umuntu, ariko mvuze ntyo ngo mukire. Yohani yari urumuri rwaka rukabonesha, kandi mwishakiye kunezerezwa akanya gusa n’umuco wiwe. Jeho ndi n’ingingo iruta iya Yohani: ni ibikorwa Data yantumye gukora; ivyo bikorwa nyene nkora biremeza ko ari Data yantumye.»*