Ni mureke gukora abavyeyi munkovu.

16-12-2016: #ABAVYEYI BABANDANYA GUKORWA MUNKOVU!UGUKAMISHA AMAFOTO YA BANYAKWIGENDERA KURABANDANYA!

Guhera kumusi w’ejo haheze ,Hari amasanamu y’abasirikare barenga gato Ijana yiriwe akwiragizwa kumbuga ngurukanabumenyi za whatsap , Facebook,twitter n’ahandi ! Urunani Rw’ibimenyeshamakuru tumaze kubona ayo masanamu,twaciye gutangura gutohoza amakuru ajanye nayo aho twasanze hari umugambi mubi wabamwe muBarundi bashaka kubandanya bagurisha benewabo kuri reta ya Nkurunziza Petero,bongera kandi batoza intererano mubihugu bitandukanye bemeza ko bari kurugamba ! Ayo masamu akaba arimwo abarundi hamwe n’abacangero b’abanyamurenge ,ndetse benshi muribo bakaba baguye mugitero cigeze guhuza umuhari Red Tabara n’abasirikare b’uBurundi ! Iyo ngwano yahuje iyo migwi ibiri ikaba yabereye mu ntara ya Cibitoke kuwa 30 Kigarama umwaka wa 2014 aho abatari bake baguye murico gitero ndetse benshi bakaba bari abagwanyi ba Red Tabara! Iyo ngwano ikaba yari yateguwe nabamwe mubanyapolitike b’uBurundi basanzwe batanamenyereye ivyurugamba aho bashoye urwaruka rw’inkewa ,atanimyimenyerezo ya gisirikare rusanganywe,babata mw’ibarabara ngo bagwanye Nkurunziza! Abagwanyi barenga amajana abiri bakaba barishwe mumpera zuwo mwaka wa 2014 aho gushika nubu abavyeyi nyene ivyo bibondo banaga agatoke kurabo banyepolitike bahenze ugwaruka gwabo maze bagwa kurugamba !

ABARUNDI MURAGABA!

Izo sanamu zico gihe nizo ziriko zikoreshwa mugutoza amafaranga yitirirwa abagwanyi bamaze gushengera hamwe nogushaka gufatisha abarundi bashaka kwifatikanya niyo migwi isanzwe kandi ikorana na Nkurunziza Petero ! Abarundi bakaba basabwa uwo wese aza abasamaza ngo batange intererano y’amafaranga cane cane ngo yoguteza imbere urugamba kuko abo bariko babikora ni abasuma mubandi!