Abagenzi 2 bariko baratembera mugisagara, umwe abaza mugenziwe ati: » twebwe twarihe igihe Imana yatanga ibibintu? Amamodoka, imazu meza, amafranga menshi n’ibindi. » Mugenzi ntaco yamwishuye. Barabandanya urugendo, bashitse imbere binjira mubitaro. Umwe wakabiri abaza mugenziwe ati: « twarihe igihe Imana yatanga izi ngwara? Kumeneka amaso, gucibwa amaguru cank amaboko, cancer, diabète, sida, igituntu nizindi. » Igihe cose kugira ubone ubuntu bw’Imana uzorabe abari nyuma yawe ntuzorabe abari imbere yawe. Gutyo uzokwisanga uri umuhirwe.🙏🙏🙏