Indwi ya Noel, kuwa 20

_*Indwi irongora Noheli : ku wa 20 Kigarama*_*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (7, 10-14)*

Muri irya misi, Umukama yasubiriye kubwira Akazi ati: «Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere.» Akazi yishura ati: «Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama.» Niho Izaya yavuga ati: «Tega amatwi, muryango wa Dawudi! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso: Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanweli.»

*IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6*

*Icit.: Arakaza Umukama, Umwami w’inganji!*

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,

intara n’ibihaba vyose;

kuko ari we yayiteretse ku mayaga,

akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,

akaguma mu kibanza ciwe ceranda?

N’urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye,

w’umutima udacambirwa ibintazi vy’abapagani.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,

asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije:

ng’uwo umuryango w’abamurondera,

barondera inyonga zawe, Mukama.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Ingo Emanweli, niwiyizire: Uri Umwami wacu atugaba. N’uze kuturokora, Wewe Mukama Mana yacu._

Aleluya.

_*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)*_

*Umusi umwe, Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi; nya mwigeme na we yitwa Mariya.*

*Nya mumarayika arinjira amubwira ati: «Mwaramutse, wewe wuzuye ubutore, Umukama muri kumwe.» Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuga. Nya mumarayika yamara aramubwira ati: «Humura, Mariya, waragiriwe ubuntu n’Imana. Uza gusama inda, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba umuntu ahambaye kandi azokwitwa Umwana wa Rudasumbwa. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi; azogaba umuryango wa Yakobo imyaka yose, n’ingoma yiwe ntizohera.»*

*Mariya na we abaza nya mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo?» Umumarayika aramwishura ati: «Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bwa Rudasumwa bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana. Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama inda y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi ni ukwa gatandatu, n’aho bahora bamwita intavyara, kuko ata kinanira Imana.» Mariya ati: «Jewe ndi umusavyi w’Umukama; nibimbere uko ubivuze.» Nya mumarayika aca arigira.*