INYOBOZO N’UBUHIRI BW’UHORAHO đ1.Kubari hafi n’abari kure mwese ndabaramukije mbipfuriza amahoro atangwa n’Imana ko yoba muri mwebwe.
Mbipfurije gusozera uwumwaka 2016 amahoro.
Zaburi23:4<<Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu sinzogira ikibi ntinya ,kuko uri kumwe nanje .Inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe nivyo bimpumuriza .>>
Dawudi aravye ivyo yaciyemwo vyose ,uko yabaheyo vyose ,aravuga ko Uhoraho ariwe mwungere wiwe ,kandi kwatakizomuter’ubwoba mubuzima bwiwe kuko Uhoraho ari kumwe nawe.
Inyobozo n’ubuhiri nivyo Dawudi yakoresha igihe yarakir’umwungere w’intama.
*Inyobozi*(inkoni) niyo yayoboza intama .
*Ubuhiri* nibwo yakoresha mu kwirukanisa ibikoko bije kudya intama aragiye .
Ivyo vyose yarabona ko biva k’Uhoraho(ukunesha )
Inyaka umaze ntaco watanze kugira ube ukiriho , s’inkomez zawe zatumy ukiriho ,s’ubutunzi canke ibindi umuntu yokwishimira ,ariko nuko *Inyobozo*y’Uhoraho n’Ubuhiri bwiwe bwa kuzigamye .
Ushobora kuba urwaye ,waragwaje , ugendan’ubwoba ,umwanya wose ubona ko upfa kubw’abadayimoni bakwereka ivyaha vyawe ,canke akakwihebuza mubundi budyo bwose .Rema mu mutima wawe *Inyobozo* n’Ubuhiri vy’Uhoraho biri kumwe nawe.
Amen!