AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ ABARUNDI YO KUWA 3 IGENEKEREZO RYA 21/12 /2016 đ Shalom bane b’lmana mwatoranirijwe kuba ihanga ryera ry’lmana! Muri iyo ntumbero duhamagariwe kwama dusenga twiyeza ngo lmana tuyinginge idutabare; Tubohoze amasezerano ku Burundi bwacu.
Tuzokwisunga Zaburi 35:10″ Imana niyo ikiza umugorwa abamurwanya bamurusha inkomezi. »
Tuzisunga kandi Zaburi 146:7-9″ Uhoraho niwe arenganura impahazwa akagaburira abashonje. »
Imitwaro tuzosengera:
1 ) Imana itwugururire imiryango y’amasezerano kw’ihanga ry’Abarundi.
2) Twiyeze twature n’ivyaha vyabasogokuruza bacu n’imiryango yacu ngo uburinzi bw’Uhoraho butubeko.
3) Dusengere ubutwari,uburinzi, gushiramanga no kuyoboka uburongozi b’lmana kundongozi z’lhanga,abadiyakoni ,abatoranijwe mw’ishengero n’ihanga ryose.
4) Dusengere impahazwa n’abagowe (lmpfuvyi,abapfakazi, impunzi, impfungwa n’abugarijwe n’ inzara lmana yumv’ amarira yabo.
5) Tuzosengera ubumwe bw’lhanga ry’Abarundi imbere,mukwinjira n’inyuma y’iyinjira mugihugu c’lsezerano.
Murakoze ni dusangwe Imana, Uburundi n’lsezerano.
Bigiriwe i bujumbura kw’ igenekerezo rya 20/12/2016.