🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏IGITUMA UMURUNDI WESE YOZIRIKANA UKU GUSENGERA UBURUNDI
Bakundwa, Barundi, Barundikazi , Rwaruka; ndabaramukije! Amahoro y’Imana abane namwe!
Uno musi twagomba kubamenyesha icatumwe tugira umutwaro n’ishaka vyo gusengera igihugu cacu c’Uburundi:
-Ikintu nyamukuru nuko mwomenya yuko Uburundi butameze nk’ibindi bihugu vyo kw’isi. Bufitaniye isano rinini n’igihugu ca Isirayeli kuri vyinshi kandi tubifitiye n’ivyemezo.
-Imana yarashimye kandi ikunda Isirayeli n’Uburundi ibirutisha ayandi mahanga. Nico gituma satani (shetani) afitiye ipfuhe rinini igihugu cacu akagiteza urwanko, amacakubiri n’intambara z’urutavanako kuko arazi amasezerano Imana yagihaye.
Bamwe babona twebwe ab’isezerano twiyemeje gusengera Uburundi bakibaza ngo twabuze ico dukora. Oya namba nuko dufise ibanga Uhoraho Imana yaduhishuriye. Ico dukora turakizi n’iyo tuvuye turahazi kandi n’iyo tuja turiko tuhabona. Hasigaye gato kugira dushikire ca gihugu c’amata n’ubuki n’umuco wa rya kanguro n’umuvyuro bidasanzwe.
Kubera yuko:
-Mu mwaka 1971 Imana yaravuze ku bizoba ku gihugu cacu c’Uburundi ingene hagiye kubaho isubiranamwo ku bonse rimwe hameneke amaraso n’abandi bangazwe kandi ni ko vyabaye. Hapfuye abantu barenga ibihumbi amajana atatu, abasaga umuriyoni barahungira mu mahanga, igihugu cuzura amaraso, amarira n’amaganya maze impfuvyi n’abapfakazi babura gitabara.
-1973 hari ibindi yavuze kubijanye n’isezerano rizoba kw’ihanga ry’Uburundi uko rizomera. Kandi vyinshi biraboneka ubu. Niho hatanguye kuba imirwi y’abasenzi mu bari bagorewe mu mashamba, mu makambi y’impunzi co kimwe n’abarara mu myonga bahunze abicanyi baza kubarobanura kamwe kamwe.
-1979 hari umubirigikazi yabwiye umukoziwayo ubu yamaze gushengera, uko ibintu bizogenda bikurikirana gushika igihe Imana izotabarira abarundi. Nivyo turiko turabona uyu munsi. Haravuzwe ivy’amatora n’intambara (rébellions) n’aba présidents b’Uburundi bazokwicwa.
-1984 i Nyakabongo muri zone Rubirizi ya Mutimbuzi abasenzi bariko barasenga babwiwe yuko hazoba abaperezida 5 hanyuma yuko uyo wa gatandatu ariwe azokwiyongeza bace bavyitwaza maze hace havyuka imvururu i Bujumbura hanyuma buke buke bizotambukira igihugu gushika aho Imana izohaguruka itabare kugira ishitse isezerano ryayo. Mubikurikiranye neza murashobora kumenya ibihe turimwo.
-1992 hariho abandi bo mu mirwi itandukanye bariko barasenga(babonekerwa) babwirwa yuko hagiye kuba:
A. amatora kandi hazotsinda umuperezida azotwara kumwe ikigori gihetse kandi ko azokwicwa n’abamurindira ubuzima. Twarabibonye mu 1993.
B. Mu nyuma haje ku butegetsi uwundi azopfira mu gihugu kibanyi. Twarabibonye mu 1994.
C. Inyuma y’ivyo yuko hazoza uwundi mukuru w’igihugu azoca yirukanwa hagaruke ku butegetsi uwahoze atwara Uburundi. Twarabibonye aho bateye amazirantoke Umukuru w’igihugu maze uwundi akoresheje igikenye agaca yiyimika ubugira kabiri.
D. Inyuma yaho hazoba imishikirano izotuma haba gusangira ubutegetsi ariko hazobamwo ibinyoma no kuryaryana ngo ntibizorama. Twarabonye ivya kigobe, kajaga n’ahandi muvyo bise ngo ni « négociations ».
E. Barabwiwe yuko hazoba amatora haboneke umuperezida azoza yambaye ishusho y’umukozi w’Imana ariko azoba ari integuza imbere yuko havyuka akajagari gahambaye kameze nkuko bigenda iyo abana bariko barakina. Ivyo twobisanga mu gihugu kuva 2005 gushika ubu.
F. Imana yongeye ivuga iti: « Mu gihe mutazi, abantu bamaze kwihebura niho nzohagurutsa isake zibiri zisekane habe urubeya kandi nzihorera kubw’amabi yabo ». Iryo jambo n’ubuhanuzi abazi kurereka neza bahagarara ku musozi w’amasengesho maze bakarindira isaha y’Imana. Mugabo wumvise ibivurwa muri ONU, muri UE, muri UA eka no muri EAC wokwiha inyishu ku bimenyetso vy’ibihe.
G. « N’uwahoze ku butegetsi azoshaka kubugarukako ku nguvu vyanse haze abaza gutabara uyo yagomba kwiyimika mugabo azopfa ». Mwihweje ikiganza kitaboneka kiri inyuma y’imirwi irenga ibiri yavukiye mu bihugu bibanyi, urabona yuko satani yiteguriye gusangangura ubwoko bw’Imana.
H. Babwiwe kandi yuko izo ntureka zitazoteba cane, yuko zizomara imisi itatu mu gisagara ca Bujumbura n’amezi atatu mugihugu cose. Ngo muri ico gihe niho uwo Imana yimikije amavuta mw’ibanga kandi yanyegeje mw’isenga nka Dawidi azoca aza kuyobora igihugu hace haboneka ikanguro n’umuvyuro nyavyo, ku buryo n’ayandi mahanga azotangazwa n’ibibaye mu Burundi. YESAYA 60:21-22.
J. Ngo n’abo mu mahanga bazoza kuvoma imigisha i Burundi kandi n’abarundi bazokwira amahanga kwamamaza ubutumwa bwiza. Ivyo bizojana n’ubutunzi, amahoro n’iterambere bidasanzwe bizorangwa mu Burundi muri ico gihe.
K. Ngo hazoba ikanguro ridasanzwe gushika aho na bamwe bazicirwa mu bihugu nk’Ubuhindi n’ibindi vyo muri Aziya bacibwa amasozi kubera kwamamaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo. Imana yatubwiye vyinshi.
Twebwe rero tubikurikiranira hafi kandi tukabisuzuma co kimwe n’ubundi buvugishwa butari buke dufise. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 18:22, JEREMIYA 28:9 & 1TESALONIKE 5:20-21.
-Iyabivuze ni Iyo kwizigirwa no kubikora Izobikora.
-Erega mu gihe hatabaye uguhishurirwa abantu bigenza uko bagomba.
IMIGANI 29:18.
Ibikiri amabanga ni ivy’Uhoraho Imana yacu. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 29:29.
-Rero turindire imirindi y’Imana nkuko yabibwiye Umwami Dawidi.
🗣 »Imirindi yo gutabarwa »🏃
-Imana Idutegeka ko dusemerera tumenyeshe Abarundi aho bari hose ntibifate uko batari bamenye kwitandukanya n’ikibi icarico cose duhindukirire Uhoraho nayo iduharire.
YESAYA 1:16-20 « Ni twemera tukumvira tuzorya ivyiza ariko tugararije hazoba ibihano n’ibara rikomeye. » NAHUMU 3:4-6. -« Twisengere kugira igihuhusi ntikizotugurure. »
-Twisengere kugira dushobozwe guhimbara Imana.
-Twisengere kugira ngo twezwe kandi tuvugutirwe.
-Dusengere impfuvyi, abapfakazi, abarwaye, impunzi n’abazigirijwe n’inzara, ubukene , ubushomeri n’abana bo mwibarabara.
👏Tubaye turabakengurukira mu kigoro muzogira mu kurondera munyonga z’Uhoraho Imana. Mumenyeshe abandi kugira bamenye ico Imana ibagombako.
Tubifurije amasengesho meza atarimwo uburyarya n’ikinyoma kugira mubashe kumenya amabanga ahishijwe Imana yabahishuriye.
1 AB’I KORINTO 14:26
Tubifuriza yuko amahoro y’Imana yobana namwe aho muri hose!
Murashobora gushikirana natwe:
Email: abisezerano@gmail.com
Tel:+25775289622
Rungikire abagenzi bawe ubu butumwa bamenye akayazwe!