Dusangire Ijambo ry’Imana

Bene Data amahoro y’Umwami Mana abe murimwebwe! Dusangire aya majambo yo muri Zab.112:6.

♡…Umugororotsi azokwi bukwa ibihe bidashira♡ n’

Ijambo rihambaye

« kwibukwa n’Imana ».

Kwibukwa kw’umugorotsi

Kurimw’umugisha. Imana yibutse Aburahamu igihe yarandura vya bisagara; Imana yibutse Nowa mu gihe c’umwuzure; Yesu nawe 

yibutse wa mugore yasuka amavuta atamirana kuri we,aca aravuga ati: ic’uyo akoze kizovugwa mw’isi yose kibe icibutso.Halleluya!

Imana irakwibutse ncuti yan- je niyo woba mu bufafara. Uhoraho agushushanije mu biganza vyiwe;inzitiro zawe azihoza kw’amaso. Nikoko abantu bokwibagira,ariko

Imana yo ntishobora kukwibagira.Imana Ikwibuke mukundwa,Yibuke ivyo wasavye vyose wishurwe.

Uhoraho aguhe umugisha

Umusi mwiza.