Imburi imburi ku Burundi 

Amahoro ! Hari imburi idasanzwe yavuye Tanzaniya ku muntu muhora mwumva yitwa Daniel W’i Shinyanga. Narayisomye bayimpaye nja mu gatengo. Ntinya Imana. Senga caane, mubone kuyisoma namwe. Mugumye imitima nk’intambwe, musenge gatatu gatatu ku musi nka Daniel, Mpwemu w’Imana abamenyeshe ukuri, kuko ukuri ni ukw’Imana. Yesu yavuze ngo :Sinzobasiga mwe nyene, nzobarungikira umwitsa ; uyo ngo ni we azobamenyesha ukuri, abemeze ivy’icaha… Nabonye ari amajambo aremereye mpitamwo kuyahora ariko mbona vyongeye benshi banabironse mbere yanje, ikindi ndibaza nti, mbega abantu batabibonye ninde azobisengera ? Muri vyose hari ico namenye kera : bibiriya (Ez.18) hazohanwa uwacumuye, kandi yongerako ko Imana ari umucamanza agororoka, ikanavuga iti : Mudodore muzokugururirwa. Imana yivuze ko ari umunyembabazi yongerako ko ari Imana ishavura cane (Zab.7). Nuko rero nciye bugufi cane imbere yanyu hamwe n’imbere y’iyaturemye twese mbahaye iyi mburi nahawe n’umwe muri groupe kugira musenge, munagendere mu kuri mugezemwo, Umwami Yesu aturengere.