Ndabaramukije Amahoro ya Kristu Yezu Imana mu Butatu Budatandukana Mana Data, Mana Mwana na Mana Mutima Mweranda.Ndabifurije ibihe vyiza vya Noël n’Umwaka Mwiza Mushasha wa 2017 ubabere Muhire mu mpande zose na cane cane Abatabazi aho bari hose.
Umwaka wa 2016 wabaye umwaka uhambaye kuko twawuhawe mwo inyigisho nyinshi zotuma abantu bahinduka bakazirikana kurusha uko bahora ibanga ry’ubuzima n’ibinyegezwa Imana yashize mu Musalaba abantu bikoreye. Ndashima caane ingene Imana Muremyi w’Ibiriho vyose yahishuriye abantu ivyahora vyinyegeje vyose mu vyo abantu twahora tutubahuka gutomora maze Ikabishira ahagaragara.
Na rya sezerano ryama rivugwa ntari bwigere ntahura, ng’iryo Daniel Ndayishimiye yaraye arigaragaje mu majambo atomoye ku buryo ntasubirwamwo. Rya banga ryatengatiwe kuva kera mu bihe vya mbere vya palipehutu ngo ni isezerano Imana yasezeraniye « abarundi », ntaworyihendako namba muri aya majambo Daniyeli yaraye agaragaje kuwa 22.12.2016 ku rubuga rw’abisezerano ngo: » …Ndabivuze,ndabivuze,ndabivuze kandi na kare niko vyari bimeze;igihugu c’Uburundi n’ic’Abarundi Isirayeli ya Kabiri,bamwe bari biswe izina ry’agacokoro n’ubuja ngo n'<<Abahutu>>.Abo mw’ihanga ryanje ni mwakire uwo muhezagiro wo gukomorezwa igihugu canyu;uhereye none « »NDATANDUKANIJE URUVYARO RWA HAGARI N’URUVYARO RWA SARA ….
… Haraho mwigeze mwumva ko ijuru ryotinya kuvuga rit’uyu n’umurundi canke rit’uyu nawe n’umututsi?Mbega muriteze kw’ijuru rigiye gutinya guhana no guhonya abatutsi no guhana abarundi bagabitanije ntibizere ivyanje Uhoraho?Mbega benewanyu Abisirayeli ba Mbere,ba sokuru banyu sinabishe nkabamarira mu bugaragwa banse kunyumvira kandi bar’ubwoko bwanje bwera? …
… Nico gituma nanje ndababajije bwoko bwanje nti ko igihe kigeze ko ijuru rihindura ibintu kugira abari hejuru baje hasi,abishe bicwe,abacinyije bacinyizwe,abanyaze banyagwe,abangaje bangazwe,abatwenze barire,abacokoye bacokorwe,ababeshe basigwe ubwambure hejuru;mbega ubu ko igihe gishitse kw’abansi banyu b’abatutsi ndabasubiriza mu nkoko kuvyo babakoreye,mbega muravuga ngo ng’ubwo ubugesera buradutse?
Umviriza ic’ijuru rivuze:Wewe wa murundi ah’uri hose;wew’utazi ko ibintu bihinduka,wewe wibaza kw’ibintu bizokwama uko vyamye,wewe ufise impuhwe ku bansi bawe,wewe ubakunda cane ukabagirira ikibabarwe cinshi n’ubuvukanyi n’ubumwe budasanzwe;Uhoraho Imana ikomeye,Umucamanza aca izibereye akagerera umuntu wese ibingana n’ibikorwa yakoze;ndakubwiye nti wewe ufise inyota y’ukubona abansi bawe bashitswako imbabazi ukavuga uti biragaher’iyo ivy’ugucirwakw’iteka kwabo,Jewe Uhoraho Imana y’uburake bw’inkazi ndirahiye uguhoraho kwanje ubu nyene ugira ujane nabo!! »
Nararindiriye ko muri abo bitwa indongozi z’ab’isezerano yovuguruza urwo rwandiko ndahebura. Ivyo rero bikagaragaza ko ico ciyumviro ca Daniyeli i Shinyanga cakiriwe koko nk’ubuvugishwa buvuye mw’ijuru.
Yooooh!!!! mbega rya hanga rivugwa ni iryo? Rya sezerano rivugwa ni iryo? ryo guhonya??? Ya masengesho yose yama agirwa, kwa kwisonzesha kwa buri wa gatatu na buri mpera y’ukwezi ni ivyo vyasabwa???
Yezu ati « Dawe, ni babe umwe nk’uko Jewe NaWe turi umwe ». « Ikizobaranga ko muri abanje, ni uko mwokundana nk’uko Nanje nabakunze… ». Ndemeza ntahigima ko ABARUNDI atari abo Daniyeli avuga!!!
Saangwa Amahoro Mazima n’Isôko ryaYo Yezu Kristu. Amen!!!
Kibasha Mukoho.