Dusome: Matayo10:16: »Raba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati.
Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. »
Icigisho:Ubwenge Bukenewe ku bantu b’Imana.
Ncuti zanje iri jambo ni rinini mur’iki gihe kigoye, kiruhije umuntu wese aho ari;
niyo mpamvu nshimye ko dusangira iri jambo.
Hari ibintu 8 bifiswe n’inzoka mu bwenge.
Yesu Kristo niwe yabwiye intumwa ziwe ko zifise akazi katoroshe ko gukora umurimo w’Imana mw’isi yuzuyemwo amabingira.
NB: Abo yise amabingira bari abansi b’Ubutumwa bwiza. Siwe gusa yagize ikibazo na Pawulo yarakigize, ubisomye mu Vyakozwe n’intumwa 20:29-31.
Mbega aho uri, aho ukora, aho ubaye, aho uvuka mu buzima bwawe bwa buri munsi ntabwo uhura n’abantu barwanya ubutumwa bwiza? Uvyitwaramwo ute? Ubasubiza iki?
Yesu rero nk’umuhanga wa mbere mu kwigisha, abwira abigishwa biwe ati mugire ubwenge nkinzoka!!
Mbega inzoka ifise ubwenge buki?
Mu ncamake, turabe bimwe mu buryo ivukamwo:
Ita igi hanyuma ikigendera, iryo gi rikazokwirwanirako, rikavamwo umwana w’Inzoka.
Ikigera kw’isi:
1) Ihasanga isezerano isangiye n’izindi zose ryatanzwe n’Imana Itanguriro3-14-15(.2) isanga ari yonyene nta se na nyina, ata Famille, birumvikana ko isanga ari yonyene, bityo Situation ivukiyemwo iyiha kumenya uko izobaho nubwo ifise ibibazo n’abansi benshi, ibaze wewe uyibonye wokora iki?
1) ifise icobita kugira Amakenga:
—————————
ibaho mu buryo bw’amakenga ntishobora kwifata uko ishaka na gato kuko iziko nta mukunzi ifise.
Mwene data, soma iri jambo wumve ico Imana ivuga k’umunyamakenga
(Imigani 2:11; imigani12:16; imigani19:11; imigani 22-3) Imana iduhe kugira amakenga kuko natwe abansi nibenshi ariko tugomba kubaho mu Mana akaramata.
2) Inzoka iyo yumvise ivyago biyisatiriye, yihisha ahantu hasa n’uko isa kugira ngo ibone ibiyihiga vyo bitayibonye.
—————————
Mbibutse ko ata musirikare yambara costume ari ku rugamba, yambara izo ku rugamba. Soma Yosuwa 23:7; Efeso 5:11.
3)Inzoka iyo wayiteye, ikabona utanguye kuyikubita izi guhisha ibanga ryo kubaho kwayo:Guhisha umutwe.
—————————
Bene data; mwibukeko satani ahora mw’iperereza ry’aho kubaho kwacu kuri, ko ari umutima wacu, turamenye ntidusamare, twibuke ivyabaye kuri Samusoni
(Soma
Abacamanza16:4-6)
4) Inzoka iyo igiye kuja mu mwobo, ibanza kwinukirizamwo ngo yumve ko ata mwansi yayitegeyemwo!
—————————
Ariko igitangaje n’ukuntu Imanuka icuramye, igahita ihindukira vuba, ikaraba aho ivuye ko ata cayikurikiye!
Ibaze mbega wumva vyoroshe?
(soma Abalewi 19:23 kubara 34:2-5)
5)Inzoka izi kunuma canke guceceka igihe iri ku bigeragezo.
—————————
Abahinga bavugako zivuga mu buryo burenze 15, hari izivugiriza, izihuma, izimoka …:ariko iyo itewe izi guceceka canke kunuma ariko twe birakunda kutunanira! Ikirwanishwa co kunuma caneshereje Yesu Kristo kenshi, kibe icacu. Amen.
(Yosuw6:10)
6) Inzoka ntikora ubusubiracaha.
—————————
Bavuga ko iyo igukomoye, itongera kugukomora irya kabiri.
Umwana w’umuntu akora icaha, akagisubiramwo. Imana idushoboze kunesha ivyaha, twe tuja twihana tukabisubiramwo. Imana idufashe.
7)Inzoka waruzi ko aho zihuriye zisomorana?
—————————
iyo vyabaye ngombwa ko zikina, zikababazanya, ziragomborana, zirasomorana, zikoresheje amacandwe yazo. Imana idushoboze kumenya gusomorana igihe twagiraniye ibibazo, dusabane imbabazi kandi tuzitange.
(Yakobo 3:14-17)
8) Inzoka iyo ishaje ikabona aho yagenda mw’isaha ihagenda iminsi atatu, irafata igihe kugira yiyuburure.
—————————
Uzi uko ibigenza?
ija ahantu, ikareka kurya no kunywa, hanyuma uko yibabaza, uruhu rw’inyuma rukavaho, igasohokamwo yasubiye kuba
Inyenkomezi!
Kwisonzesha, dusenga mu kuri ata manyanga mu mutima bituma twiyuburura, tugahinduka ukundi gusha. Tugire Ubwenge nk’inzoka. Yesu Kristo yabitegetse, abiduhe. Amen.