Ncuti namwe mwese dusangiye urugendo muhamagariwe ibi bikurikira.

Bavandimwe dusangiye urugendo, ndabashimira cane ingene munezererewe guhurira n’abavukanyi kuri uru rubuga. Nkundire nongere ndabibutse intumbero yiyi groupe:1. Ni uguhesha Uhoraho Imana yacu icubahiro , amashimwe no kuyitazira.

2. Gufashanya muri uru rugendo, duterana intege , twirurana kandi dusangira ivyera.

3. Kwumviriza indirimbo z’Imana zatoranijwe, ubutumwa bwiza nibiganiro vyamaradio yubutumwa bwiza gusa.

4. Kubwirana amazaburi, ubuvugishwa, ivyeerekanywe nizindi ndemeshanyo zibereye abana b’Imana.

Nkuko turi murugendo rugana mugihugu Imana yadusezeraniye, dufatane munda, twigishanye, dusengeranire kandi dusengere igihugu cacu twivuye inyuma. Dusengera abarongozi b’ihanga, dusengera abadiyakoni n’abafise ibikorwa bitandukanye muri uru rugendo.

Uwubishoboye mugitondo, kumuhingamo canke kumugoroba 

– azane isengesho rimuri kumutima.

-azane indirimbo idudubiza muri we.

-azane inyigisho zubutumwa bwiza yahawe canke yakuye ahandi.

– azane ivyiyumviro ninyigisho yivyijuru yofasha abandi muti : « Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe,kuk’Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbwire abaciye bugufi ubutumwa bwiza;Yantumye gutubika imitima imenetse,no kumenyesha abarindwa ko barekuwe,n’imbohe ko zugururiwe;2 ngo menyeshe abantu umwaka wo kwemerehwamwo n’Uhoraho,n’umusi wo kwihora w’Imana yacu;ngo nirure abagandaye bose »

Yesu abahezagire cane!