Iyo tuvuze umugabo mubi tuba tuvuze umugabo mu rugo, canke ku kazi, ahariho hose
afise imyifato itukisha urugo canke ah’akorera canke ahasengera. uyo mukungu kuko
ntawomwita umushingantahe, canke umugabo kuko aba yarananiwe n’ibanga.
01.bimwe mubimuranga, ntarukundo mumuryango kuko kuva azana umugore aheruka
akarimi keza akiresha amwemerera vyose akamuha vyose ariko amushikanye bikaba
biheze.
02. ntajinama n’umugore wiwe, iy’umugore amubajije ivy’urugo amwishura nabi mbere
ugasanga yishura ibinyuranyen’ikibazo.
03. afata umugore nk’umucangero, umutungo w’urugo, umugore ntanakimwe amenya
ntamusobanurira ivyo yarasanganwe, aranamunyegeza nivyo yariko agura abikorera
mumpisho, ibirebana n’ukurera. abana akabihebera umugore wenyene.
04. umukungu nk’uwo akoresha iterabwoba no gukankama. iy’atashe, bose umutima uja mu mutwe, umugore abana n’abashitsi amaganya akaba menshi, bamwe bagahungiramuvyumba, abandi bakaja guteramira mubabanyi.
05. agira inda ndende. wewe akunda kurya mubirabo abo murugo atakunyu,atatuvuta,
canke ibindi vyankenerwa bafise.
06. afatingingo wenyene ivyiwe abibwira barundi.
07. iy’aguze, ikinga, imoto, imodoka, akenshi agenda wenyene, abana umugore bagiye
namaguru, aranyegeza iyo aroye, yihitanira abahabara canke abakungu nkawe.
08. ahembwe, canke yungutse muvyo akora wewe arya neza akanywa neza akambara
neza abo murugo usanga ubwo buryo ataco bubamarira.
09. afasha abandi rwiwe basegerereza
10. akurikiza iyi migani ishaje yataye igihe canke ipfuye
a. umwonga umwe wonza inyoni. j. umugabo n’igiswi cinobera
b. umugore umwe ni nyoko k.amazi make aheberw’impfizi
c. amazi mibano araryoshe l.ivy’ejo bibara ebejo
d. ikiyago gisumba ikivi m.amavuta y’umugabo nayamuraye k’
e. uwutarahiye nabi nta sumira umwana umubiri
f. nta jambo ry’umugore n. amaresha mugeni siy’amutunga
g. nta nkokokazi ibika isake ihari o. amafuti y’umugabo nibwo buryo bwiwe
h. impfizi iriragira ikicura p. abagore bagira inzara nti bagir’inzigo
i. impfizi nti yimirwa r. ahaaaaa ! gusekera uwudashaka
bitera imbeho mumenyo.
11. akenshi usanga bibeshera ngo naba kristu. bambaye urushato rw’intama,
aramabingira y’inkazi (intambwe) ingwe, amatovu ntiyera imicungwe.
12. ijambo ry’imana rihanura iki?
a. kuvayo 20-3=17 f. habakuki 2-5
b. atanguriro 2-23=24 g. matayo 13-15
c. imigni 20-1 h.2timoteyo 3-1
d. zaburi 14-1
e. imigani 23-29
13. abagaratiya 5-22=23 14. abagaratiya 5-19=21