#Abakobwa bamwe bamwe ntibazi gusenga.Nimwiyumvire namwe aya masengesho.(Agifise 20 ans ahejeje secondaire): Mana ndagushimira ko wangize mwiza,aho nciye hose abahungu basigara bamiramitwa, réseau zigacika bose bagahindukira…halleluyah.Mana ndaje nsengera kazoza kanje.Data wavuze ngo dusabe tuzoronka, ndagusavye mana uzompe Umugabo nya mugabo atari mujeri,umugabo akomeye mu gihugu, mana nshaka umusirikare…halleluyah!!! Kandi mana apana uwariwewese,nshaka umwe azorengana ivyatsi bigatenyenya, n’inyoni ntizivuge yoooo uwo nyene…halleluyah.Nshaka umu Géneral…halleluyah.Aba colonel cnk aba Major ntabo nshaka mw’izina rya yesu.AMEN!!!
(Imyaka itanu irahera haza aba docteur,aba Ingenieur etc arabanka)
(à 26 ans ahejeje kaminuza)
Ehe mana yanje harageze ko nubaka nubu nturanyishura.Basi mwami mpa umu colonel ntaco na kare aba Géneral benshi usanga ari abatama.AMEN!!!
(Iyindi myaka 5 irahera ata mu colonel abonye) wa mukobwa ararira ahindura umukenyuro aza yisonzesha 2 mu ndwi.
Ati mana muba colonel bari mugihugu wabuze uwo umpa? Pfuma basi umpa umu Major mana,ehe raba abo tungana baheze baja kwubaka!!!
(Iyindi 5 ans irahera,aho ageze kuri 35 ans) wa mukobwa ati nosaba umu caporal wewe ngira yomumpa? Ariko nahonyene ararindira biranka, na bamwe baza kumurondera ntanumwe yarakiza.
Wa mukobwa ageze kuri 37 ans ati mana mbega urabaho canke? Ehe basi ndakwinginze ungirire impuhwe umpe Imbonerakure…
Iyi nkuru naho ikoreshwa mugutwenza abarundi, itwigisha yuko twogerageza iyo dusenga, kumenya ubugombe bw’Imana ntidukurikire ubwibone bw’umubiri.