ICAMWA C’UMUGISHA KIVA KU GITI C’UMURUHO

Igihe kimwe mu karere kamwe inzara yarateye, ni uko urugo rushasha (les jeunes mariés) gwari muri ako gace, baganira ku kibazo c’inzara bahuye na co batari biteguriye.Maze bigira inama yuko hagomba ko umwe aja kurondera akazi, uwundi agasigara muhira. Umugabo rero yiyemeza kugenda,ariko asiga abwiye umugore wiwe ati: »Ndagiye, ariko nkuko ntazigera nguhemukira nguce inyuma, nawe ntuze umpemukire. »
>Umugore n’amarira menshi aramugumbira amwemerera ico yari amusavye.

Mu gitondo ca kare, wa mugabo afata inzira aragenda atazi iyo agiye. Bimutwara igihe kirekire cane kugirango ashike aho yabona ko atamapfa ahari.Yinjira mu rugo rwari rwiyubashe afise inzara nyinshi cane, ahasanga umugabo w’ingeso nziza kandi w’umutunzi,amugirira impuhwe, ahita umuha ivyo afungura.Ni uko ahejeje, aramubaza ati: »Ko mbona usa n’uwufise ibibazo nogufasha iki? »

Umugabo ati: » Iwacu amapfa yarateye, nshaka uwompa akazi nkazoronka ico nzoshira umuryango wanje. »

Wa mutunzi amwemerera akazi,ati kandi niwumva hageze igihe co gutaha, uze umbwire ndaguhe impembo yawe. Wa mugabo amara igihe kinini akora nkuwikorera. Maze shebuja aramukunda cane. Ahamaze imyaka 20,abwira shebuja ko yomuhemba agataha kuraba umuryango wiwe. (Muri iyo myaka yose yamaze, yaza ararungika muhira ibifasha umuryango, ariko atazi amakuru yo mu rugo rwiwe.). Abibwiye shebuja,aramubwira ati : »Ntakibazo, ariko ngomba ndaguhitishemwo hagati y’ibi bintu. »

1.Ndaguhe impanuro zitatu sindaguhe agahembo kawe

2.Ndaguhe agahembo kawe witahire? Ati ndaguhaye amasaha 24 uvyiyumvireko, ejo uzombwira ico wahisemwo.

>Umugabo arara aravyiyumvirako maze yiyemeza guhitamwo impanuro zitatu akitahira. Shebuja ati izompanuro zitatu ni izi:

1.MU BUZIMA BWAWE NTUZIGERE UKUNDA GUCA MU NZIRA ZA HAFI KUKO ZIBAMWO IBIBAZO VYINSHI.

2.MU BUZIMA BWAWE NTUZE WIGERE USHAKA KUMENYA IBITAKURABA KUKO KENSHI UKWO GUSHAKA KUBIMENYA GUSOZWA NO KUBABARA.

3.MU BUZIMA BWAWE NTUZE WIGERE UFATA INGINGO MU GIHE UGISHAVUYE KUKO INYUMA Y’ISHAVU HABAHO GUSHAKA KWISUBIRAKO BITAGISHOBOKA.

>Arangije, afata amikate itatu arayimuha ati: ndabizi uja kure, iyi ibiri ni impamba yawe,uyu nawo uzowusangire n’umuryango wawe,kandi urugendo rwiza, warakoze.

Umugabo afata inzira aragenda.Kubera urugendo rererure, araruha cane.Ariko kubw’amahirwe, ahura n’umutama w’inararibonye amubaza iyo ariko aja?Uwundi ati: »Aha mfise urugendo rw’imisi igera kuri 20 nja muhira. »Umutama ati: »Ariko jewe nzi inzira ngufi hafi incuro 10 kuri iyo. Reka ndayikurangire. »

Wa mugabo anezerewe cane, aremera. Ageze imbere gato,yibuka impanuro yambere yari yahawe, aca aragaruka aca mu nzira yiwe yambere. Ageze imbere gato, abwirwa yuko ya nzira yari irimwo abagizi ba nabi!

Arakomeza aragenda arushe cane, yaka indaro ku muhana wari ku nzira araraho. Mw’ijoro yumva ugwamo rwinshi ku muryango w’icumba yari arayemwo.Aravyuka, ageze ku rugi neza agira arabe ivyarivyo,yibuka yampanuro ya kabiri,aca asubira kuryama. Mu gitondo ca kare 

,nyene urugo aza kumuramutsa, adodora ku mwango, uwundi arikangura aramubaza ati nta gwamo waraye wumvise? »Uwundi ati nagwumvise.

Nyene urugo ati: »Ntakubeshe, uri uwambere usohotse aha amahoro kuko rurya gwamo ni ugw’umuhungu wanje, iyo hageze mw’ijoro hagati, afatwa n’ibisazi, hagira uwuvyuka aje kumuraba, agaca amwica agaca aja kumwihambira. »

N’uko wa mugabo asubira gufata inzira arabandanya urugendo rwiwe. Ageze aho atanguye kuraba muhira iwe, abona akotsi kaduga kava iwe, aranezerwa cane, akomeza urugendo rwiwe.Yigiye imbere,aho abona mu rugo iwe neza, abona umugabo muremure cane ahagaze imbere y’umugore wiwe akorakora mu mishatsi yiwe.Aca yumva ishavu ryinshi cane, yiyemeza gushika yihutira kwica umugore wiwe ndetse n’uwo mugabo kuko yavuga ko umugore yari yamuhemukiye.

Aragenda,ageze imbere gato, yibuka impanuro ya gatatu, aricari ahita yisubirako ati: »Reka ngende ndamutse umugore wanje, ndamubwire ko yampemukiye mpite ndisubirira kwa databuja! Ageze kw’irembo, umugore wiwe n’inkumbu nyinshi aza kumugumbira, wa mugabo agerageza kwanka,ariko biramunanira kubera umunezero umugore yazananye uvanze n’amarira.Umugabo aramubaza ati: »Mukunzi wanje ntiwampemukiye? »Uwundi ati oya.Umugabo ati: »Wamugabo nabona ejo agukorakora mu mishatsi?Uwundi aratwenga cane ati yooo,urya ni umuhungu wacu, ubu afise imyaka 20.Burya wasize nasamye inda yiwe. None yarakuze aranansumba. Umugabo aca aja kuramutsa umuhungu wiwe n’umunezero mwinshi cane. Baramwakira nabo banezerewe. Nawe azana wamukate yari yahawe na shebuja ngo bawusangire. Bakiwumanyura, basangamwo agahembo kiwe (amafranga) ki myaka 20 yose. Baranezerwa cane bitavugwa.

NB:Wame ukora ibintu vyose utekanye kandi wihangana