Ivyak 15:37<<Barunaba agomba ko bajana na Yohana nawe ,ari we Mariko .38:Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye ipamfiliya ,ntajane na bo mur’ico gikorwa>>
Mu buzima umuntu arakwiye kugendana n’abantu bazima.
Abantu bose ,sibazima .Paulo mungendo ziwe harabo bagendana ,bamwe baramuta mugikorwa yarimwo.
Paulo yashaka kujana na Baranaba , Baranaba nawe akipfuza ko bajana na Yohana ariwe Mariko .Paulo yibutse uko yabataye ntiyipfuza ko bojana mu rugendo.
Paulo naBaranaba baciye batandukana ,Paulo yajanye naSila ishengero ribashira mu maboko y’Imana, niho bahura na Timoteyo bakamubwira ubutumwa bwiza.
Iyo umuntu agendana n’abasambanyi ,imvugo avuga n’izabasambamyi ,ivyiyumviro biyumvira bimwe ,iyo agendana n’abavuga insaku nawe nyene aba uko bameze , abasuma ,…..umugenzi nyawe aguhanura ibintu bizima.
Kujana n’abantu bazima bikiza umuntu , bamuha ivyiyumviro bizima ,vyukugene akwiye kubaho neza ,akwiye kugira ivyizigiro vyakazoza.
Zaburi 1:1Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi ,Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha ,Aticarana n’abacokoranyi.
V2 Arikw’ibimuhimbara biri mu vyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima ku murango no mw’ijoro.>>
Umunsi mwiza mwese .Nkwipfurije kujana n’abantu bazima ,bakugira inama nziza.Amen
irakozedesire1986@gmail.com