Yesu ashimwe cane?nkwifuje umwaka mwiza wa 2017 ndagusavye usenge iri sengesho: Data wa twese wo mw’ijuru uzomurinde mubuzima bwiwe bwose uzomushoboze kukwubaha nogukora ibiguhimbara murugendo rwiwe rwose.azobe uwogukundwa n’ijuru igihe cose.azogukorere atiziganya,uzomushoboze kugukunda hama wiyerekane kubugingo bwiwe muri vyose.uzorwane nikintu cose kimurwanya.umuzigamire mukuboko kwawe kw’iburyo,umutahuze urukundo umukunda n’ingene umwitwararika.niyasenga uze wame umwumva kandi wihuta kumwishura kuvyo agusavye vyose. wihute kumwambika inkomezi niyazigusaba.ntuzukundire satani kumugerageresha ibihimbaro vy’iyi si.umushoboze guhagarara ashikamye imbere y’ikigeragezo cose cogomba kumurwanya kandi umwongere ukukwizera mw’izina rya yesu kristo.umukundishe igikorwa cawe, umurinde gutinya ibibazo nibikomeye ariko ubimukurizemwo. Umukunde kubwukwitondera amajambo yawe yose Hallelua. umwishure agutakambiye, ivyifuzo vyiwe vyiza vyose bimushikeko mw’izina rya yesu.wishure amasezerano yiwe yose atanakimwe kibuzemwo, umutwenze, umuzamurire imbere y’abansi biwe. Ndagusavye cane mesiya umukorere ibitangaza nutwumiza muruyu mwaka wa2017 ivyatari yiteze kovyomushikako ubimuturumbukirizeko kuva mukwezi kwa mbere gushika mukwanyuma.ntabe uwokurira no gukengerwa.umugire uwokwubahwa kubw’izina ryawe yesu kristo.uzomurinde ikiza gihonya hamwe ningwara zubwoko bwose.urinde incuti ziwe zose n’abiwe Bose uzigame urugo rwiwe rwose n’ivywe vyose. uhezagire abamwifuriza ineza Bose,Amen. ivyo jewe ntamusabiye kandi vyari bikenewe ubimuhere Ubuntu n’imbabazi zawe. Hama amaraso yawe yame amutunganya muri vyose.
Iryo sengesho wariko urarisengera uwu yarikurungikiye nawe rirungikire abanywani bawe Bose kugira barigusengere mw’izina rya kristo.
izina risengerwa n’iryiwawe urirungitse. N’utarirungika ukaryigumizako uzoba wihombeje kuko ntuzoba urose uwukwaturako aya majambo y’ubushobozi n’intsinzi rero rungikira incuti zawe zose kugira bagusengere.iri sengesho nturifate irisanzwe.
Twese twibuke kuba maso turorere Databuja.hallelua hallelua hallelua.