*ISI YARANYIGISHIJE NAWE BIMENYE KANDI WIYUBARE*

Iy’isi kuyibako n’ishule kandi yigisha uwubishaka n’uwutabishaka kuva uvutse kugeza upfuye,
 Ibi ni bimwe muvyo yanyigishije kuva mvutse gushika uyumusi kandi ndacika : 

1. Uko wokwitwara kwose ntushobora kunezereza bose canke ngo ubashimishe, mbere ntuzonavyitege mubuzima bwawe

2. Ivyo umuntu yifpuza akenshi sivyo abona ndetse n’ivyo akora sivyo akorerwa na cane cane iyo ukora neza kandi ntibikwiye kukuraza ishinga canke ngo bikubuze intumbero yawe

3. Vyose ni busa! Ivyo wotunga vyose mu kanya nk’ako urume rumara vyoyoka ugasigara mu kangaratete,gutyo ntuzokwigire uwuhambaye ahubwo rondera itunga ryo mu mutima kuko ryonyo muragumana. 

4. Bimwe mu bibazo tugira mu buzima akenshi biraduhungabanya ariko iyo tuvyitwayemwo neza bitubera icirwa kizodufasha gutorera inyishu ibibazo vyinshi mu buzima bwa kazoza, gira évaluation ya kahise kawe uca wiha inyishu

5. Uwo woba uriwe wese ntukiyemeze ngo urakomeye kuko ntawishobora. Ejo ushobora gusanga wasubiriwe n’uwo wakengereye haba mu butunzi, imibano canke politique maze bikaguteza kumara-mara kuruta uko wanezerewe mbere,

6. Niwakunda umuntu ntagukunde canke ngo abikwubahire ahubwo akaguhemukira, ntibizoguteshe umutwe kuko hari n’aho ataco yari kuzokumarira muri kazoza!

7. Mu migambi ikomeye uza uraringaniza mu buzima bwawe, uze urafata ingingo wewe ubwawe ubanje kwiyumvira ingaruka zayo kuri wewe no kubantu bawe bose, ukurikire umutimanama wawe ni nawo uzi ivyo ukeneye n’uwo wifuza kuba muri kazoza!

8. Niwabona incuti canke umugenzi w’ukuri uzokore uko ushoboye ntumutakaze kuko burya yokurutira inzahabu kandi hagutakaza umuntu nk’uyo muri kino gihe urukundo rwatitutse wotakaza ama Euros canke ama Dollars vyovyo urabirondera ukabironka

9. Ntugatinye gukora no kwemanga ikintu ciza ngo n’uko kigoye canke kiruhisha, kuko nta nyungu woronka utabize akuya. Nta n’intwari ibaho itararwana urugamba ngo irutsinde!

10. Ikiruta vyose nize n’uko ata ruhombo rwo guhagararira ukuri, kurwanirira impahanzwa canke kugira neza n’ubwo akenshi tubihurimwo n’intambamyi nyishi kandi nta n’inyungu yo guhemuka kuco wivugiye n’akanwa kawe canke wemanze n’umutima wawe haba mwibanga canke kumugaragaro, kiretse iyo hari ingwara yabiguteye ukabikora utabizi.

10. Urama wibuka kugirira imbabazi uwuzisavye ariko ubanje gusuzuma ko atari kukugeza canke kurondera gukingira inyungu ziwe no gushikira rwawe duke usanganywe (uburyarya)
NIWAKORA GUTYO NANJE NKABIKORA, TUZOHINDURA VYINSHI MAZE TWANDIKE AMATEKA MEZA MUMISI YO KUBAHO KWACU.

Jean-Claude SINZINKAYO