KUJANA N’ABANTU BIKIMAZI đŸŒ‡3.

2Tim4:9<<Gir’umwete wokuza aho ndi vuba .Dema yarantaye kuko akunze iyisi ya none ,yigira itesalonike ,Keresekenti yagiye i Galatiya ,Tito yagiye i Dalumatiya.Luka gusa niwe twasigaranye.
Hitana Mariko ,umuzane ,kuko angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje>>

Paulo abantu yari yarabize bose ,arabamenya cane cane abo bari kumwe ,abo bagendana .Inyifato yabo ,ivyo bakunda eka mbere n’ivyo bipfuza gushikako.

Paulo yanditse iki cete asaba Timoteyo ko yonyaruka kumuraba ,kandi amuzanire impuzu zo kwipfuka kuko hari hakanye cane 2Timot 4:13.

Abo bagendanyi ba paulo ,bamwe bipfuza ubutunzi ,abandi ivyubahiro .Intumbero ya Paulo wewe yarukuvuga ubutumwa bwiza kugira abanyavyaha bahinduke bihane.

Iyo ujanye n’abo mudafise imtumbero imwe ,ntimushika mwese kuko ivyiyumviro s’ibimwe.

Hariho abatanguza amashengero bafise intumbero zitandukanye: Bamwe bakeney kwita Representant ,abandi Apotre ,……nayandi mazina menshi ,hakaba n’ababa bafise umutwaro w’ubusho bwa Kristo .

Abo nubwo bitwa ko basangiy urugendo ,ntibahuza kuko ivyiyumviro vyabo biratandukanye .

Dema wewe yataye paulo yigira muvyo yahozemwo , ariko Alexandre umucuzi ,wewe yamugiriye inabi nyinshi cane kuburyo yashatse no kumwica ariko Imana irakinga 2tim 4:14.

Kujana nabo mutari kumw ,baguta mu nzira aho nimugihe batakwishe 2tim 4:16.Ariko Imana yamana n’abayo .
Mu Mana umuntu wese arakwiye kurondera umuntu amusoza ,aza aramwigisha ijambo rizima .

Ak:Umuntu agikizwa(mwibuke ko agakiza gatandukanye n’idini ) iyo aciy aguma agendana na bamw bahora bakorana ivyaha,ategerezwa gusubira mu vyo yahozemwo .Akwiye kurondera uwa mwitangiye imbere kandi muzima ,akaza aramufasha.

Nico ciza co kugendana nabantu bazima.

Uhoraho abahezagire🖐