Ugushimira Imana muri vyose.

Iyo ndiko ngenda n’amaguru nshimira imana kuko nigeze kwavura kandi hari n’abanduta imbere yayo batayafise.Iyo ndaye ubusa ndayishimirako ndaburaye kandi hari abaraye mucobo.Iyo mbuze icuya ndishima kuko nibukakako uwutabira iyashu aba atagihema.Sinidoga ngo nabuze ibiryoshe kuko uwampaye ivyo bamwe bita ibibishe niwe ampan’akayabagu ndabikoza.Izo nambaye zose zirambera kuko yandemanye ubwiza n’agaciro birengeje.Sinikanga ngo ntagipolisi n’igisoda bingendanira kuko ndinzwe n’ukuboko kwimbaraga z’agahebuza.Siniganyira ngo ntakarata y’ubuzi mfise kuko uwandemye yanshize kure y’ingwara.Sinicuza ngo mba ahatabona kuko umuco w’ubwiza bwiwe uramurikira.Aho ngeza ubwenge bwanje ntacombuza kumushima.Ntaco yanyimye.N’UHORAHO IMANA ITANGISHAKA! Nimba nawe ataco yakwimye hereza ubu butumwa abandi!!!!!