KUJANA N’ABANTU BIKIMAZI đ4
Matayo 23:36-37<<Maze Yesu ashikana nabo ahanty hitwa Getsemane ,abgira abigishwa biwe ,ati ba muricaye hano ,mbanze nje gusenga.Ajana Petero na Bene Zebedayo bompi .>>
Yesu yarafise intumwa ziwe ,ariko turabona hageze ahaja gusenga yihererey ntiyajanye nintumwa zose.
Yatoyemwo abahizi.
Uravye no muntumwa ziwe ,bose ntibari bafise umutima ukeye .
Kujana n’umuntu mudasangiy intumbero n’ikintu kigoye cane ,nkuko twabibonye ukugungene Paulo bamutaye ,abandi bagashaka ku mwica .
Ikiranga umuntu w’ikimazi , impanuro ziwe ,n’inyifato yiwe(ingeso)zibera abandi icitegererezo .
Ushobora kuba uri mwishengero ,abo mugendana ibiyago vyabo ar’ibigoramye .
Hari nabo usanga binubana kuko badasangiye ubwoko ,imigambwe , intara ,iyo baje bava hatandukanye ,…..Abo kandi ushobora gusanga ar’aborongozi b’amashengero ,b’imigw’itandukanye mw’ishengero ,ar’abaririmvyi .
Ben’abo impanuro zabo n’izivyipfuzo vyabo
.Iyo umuntu ar’i munzira yagakiza ,akagira abagenzi bameze nkuko ,amaherezo asubira mu vyo yahozemwo.
Abakristo bategerezwa guhamba kameremere kabo,bakambara umutamana wa Yesu Kristo.
Hariho abaririmvyi bo mwishengero rimwe ,bigez kurwana bapfa ibicurarangisho.Bamwe bipfuzakuja kubiririmbisha mu myiyamazo y’imigambwe ,abandi bagashak kubiririmbisha mw’ishengero .
Ntibishoboka gusaba abami 2.
Dukwiye gusenga cane kugira ntituje mu mosha mabi .
Mbipfurije kugira abahanuzi beza ,bazobashitsa kuc’Imana yabasezeraniye .kuko Imana Data wa Twese ntizi kubesha.
Uhoraho abaraban’urukundo rwinshiđ .
irakozedesire1986@gmail.com