*God’s Glory Center Kigobe*
Dimanche le 15/01/2017
*_UBUSHOBOZI BWO GUSENGA_* na Pastor Patrick NGENDAKUMANA
Turiko turabira hamwe ibijanye n’ubuzima bwo gusenga. Gusenga biri ngombwa kuko atawusenze ntakiba. Iyo umuntu yihaye gusenga aba ari umuntu ateye ubwoba cane
Umuntu rero arakenera kuja ahantu acakira ubushobozi butuma umuntu abaho ubwo buzima bwo gusenga.
Kimwe mubintu rero bituma abaho ubwo buzima ni:
– *Gusenga mw’izina rya Yesu*
Kugenda muvyiyumviro vyawe uzi neza ko Yesu muri wewe ariwe ariko arasenga.
Ivyo nivyo twokwita gusengera mu buntu.
Ariko ntitubikorere musi y’ivyagezwe:uwukorera muvyagezwe n’umuntu arindira ngo Imana ibishatse nzosenga, canke agapanga gahunda zo gusenga ariko n’ubwo biruko ugasanga ntavyo yashitseko.
Umenye ko gusenga ari imbuto yakuvyaye uba ushize kugikorwa ubuzima bwo gusenga ako kanya nyene,(ukamenya ko ubuzima bukubamwo bushoboye gusenga).
Iyo umuntu amaze kuzamura ubushobozi mu gusenga ikiri ngombwa nuko yoca akoresha ubwo bushobozi nyene mu kubandanya asenga. GUSENGA MW’IZIMA RYA YESU NIKO KANTU KAMBERE KADUSHOBOZA KUZAMURA UBWO BUSHOBOZI.
Akandi kantu ni:
– *ubumpwemu bw’ubuzima*.. Amaso yobona amaguru akagenda mubiboneka ariko ivyo vyose ntivyagenewe gutangurira mu biboneka.. Ariko ibiboneka bitangurira mu bitaboneka.
Gusenga ni ubushobozi bwo gushiraho impinduka mw’isi itaboneka hanyuma bigaca vyigaragaza mw’isi iboneka.
Twahawe ubushaobozi bwo kuba mw’isi iboneka ariko tugashobora gukorera mw’isi y’impwemu.
_Akarorero_: Mose: yari umuntu akorera cane mw’isi y’impwemu ashits kwa pharaon.
Umuntu rero adasenga ahisemwo gukorera muvy’inyama n’amaraso gusa.. Ariko gusenga binyiganyiza ubushobozi mw’isi y’impwemu.
BYSB *Ezayi 66:8-9*: *_ »8 Ni nde wigeze kumva ibimeze bityo? Ni nde wigeze kubona ibisa bityo? Mbese igihugu cyavuka umunsi umwe? Ishyanga ryabyarirwa icyarimwe? Nyamara i Siyoni habyaye abana hakiramukwa._*
BYSB *Ezayi 37:3-4*: *_ »3 Baramubwira bati “Hezekiya yadutumye ngo ‘Uyu munsi ni umunsi w’umubabaro n’ibihano no gushinyagurirwa, kuko abana benda kuvuka kandi nta mbaraga zo kubabyara._*
*_4 Ahari Uwiteka Imana yawe yumvise amagambo ya Rabushake yose, shebuja umwami wa Ashuri yamutumye gutuka Imana ihoraho, ngira ngo Uwiteka Imana yawe izahana ayo magambo yumvise. Nuko rero terura amashengesho yawe,usabire abantu basigaye. »_*
Abana=amashirahamwe, ubuzi butandukanye,ingabire zitandukanye biri mu bantu…
Ivyo vyose twaramenye ingene tuzamura inkomezi zo kubivyara biciye mu gusenga…
Kuko Imana ntiyotuma ivyo bicapo biduheramwo…
Igihe utahuye ivyo uca umenya ko atayandi mahitamwo ahari kiretse kuvyara ibintu vyose Imana yadushizemwo, tubwirizwa gushiramwo inguvu zose kugira bize kumugaragaro.
*Mwarahezagiwe cane*
*God’s Glory Church KIGOBE*
___________________
|📬B.P.: _7191 Bujumbura-Burundi_
|📞Tél: _(+257) 22 27 81 07_
|📨E-mail: _ggc@godsglorycenter.org_
|💻/📱Site web: _www.godsglorycenter.org_
|🏥 Adresse(Aho tworondererwa): _*Kigobe yo mu buseruko iruhande y’ishure nderabigisha ry’isumbuye(ENS) hamwe n’ibiro bikuru vy’aba scouts mu Burundi kw’ibarabara rigana kw’ikambi ya gisirikare(ex-DCA)*_
*_«UMWAKA WO GUHAGURUKA»_*
« `Bikozwe na ✍« `�
*« `Queen Benita« `*
_Whatsapp number +2577908098