Dusangire Ijambo ry’Imana Yes 35:4▶Mubwire abahagaritse imitima,muti REMA,ntaco MUTINYA….Imana izoza ibakize.
Mwene data hari ibihagarika umutima,ariko Imana ivuze ngo Rema ntaco Utinya.
▶Esteri 3:13 Nuko barungika ivyo vyete…..ngo bageseze Abayuda Bose,abakuru n abato,n ibibondo n’abagore,ngo babice,babahonye ku musi umwe…..
Mwene data iyo nkuru yarimbi ku Bayuda.
Esiteri 4:1-3….mu gihugu cose ,ah icagezwe c Umwami n iteka ryiwe bishitse,haba AMABOROGO menshi mû Bayuda ,..amarira n’ugutaka ,…benshi bacura imirambararo bari mu magunira ni mû minyota.
Mwene data urunva umubabaro n amarira bari bafise?
Baca bagira imigabo yo gusenga binginga Imana Esiteri4:15-17
Ndakwibutseko ayo magogwa yaratewe nuko Moridekayi yanse gukora ivy Imana yanka mukwanka kwunamira Hamani.
Esiteri9:1 Nuko mu kwezi……..ari wo musi nyene icagezwe c’Umwami n iteka ryiwe vyari bishitse ku ntaho ,ni wo musi abansi b’Abayuda baziga ko babahagarara ku gakanu ;ARIKO BIRAHINDUKA, Abayuda baba ari bo babahagarara ku gakanu abari babafitiye urwanko.
▶Ijambo ryavuze ngo:Rema ntaco utinya Imana izoza ibakize.
Igikorwa cawe hamagara (Senga)Imana wizeye nturabe uburemere bw ikibazo.
Menya neza Abayuda murizo ngorane nta caha bari bafise imbere y’Imana .Nawe muriko gusenga ubanze wiyuzuze n’Imana.
Reka guhagarika umutima ntanyishu izovamwo,Izigire Imana uyibwire ibiguhagaritse umutima ivyo utinya.
Yesu aguhezagire mwene data.