KUBARUNDI BOSE BIZERA ISEZERANO RY’UBURUNDI BUSHASHA : KANANI inyuranye n’IJURU. Kandi, mubihangany bagashikayo benshi muri bo baraguye babura ijuru.,Isezerano ry’uburundi bushasha nivyo koko ni iryo kwizera no kwizigira. Ariko, ntiriruta iry’ubugingo budashira bwo mw’ijuru twasezeraniwe imbere y’iryo.
Irad Ndihokubwayo
Whatsapp : +265 994 341 922
Amahoro n’imigisha biva ku Mana bibane n’abarundi bareretse isezerano mukugororoka, kwihana n’ukwiyeza buri musi. Ugutahuzwa na Mpwemu kube kubarundi bakizazaniwe n’ivyavugushijwe k’uburundi nimba batarogose.
Ncuti bakundwa b’isirayeli ba kabiri aribo barundi mwizeye isezerano mukanarirereka : Muravuga ngo riratevye? Ariko nkundira mbabwire ko tweho twavukiy mubugaragwa inyuma y’ukuva muri Egiputa ariko, ibaze basogokuruza bamaz imyaka barireretse. Kuko Uherey mumyaka ya Kera benshi bavugishijwe kuvy’ihanga ryacu kandi uherey ico gih nyene, benshi batanguy kwizera.
Ariko, natwe niko kiri. turi mw’izinguzingu twatanguy kuva aho abarundi ducaniyemwo tugatangura kwicana no gukebana (kubera AMOKO, INTARA, IMIGAMBWE,…)
Ba Yoshua na Ba Karebu bo n’abavukiy mubugaragwa boose bakomeza kwizera (Kuko abo bubaha Imana bakanayitinya kuko bibuka ibitangaza igenda ibakorera :GUH 14 : 30-31) ntibazashika muburundi bushasha ba Kora na ba Datani na ba Abiramu boose bataraherengetera (Kuko abo ari abagararij buzuy ukutumva n’ukutumvira : GUH 16). ARIKO NDAVUGA NTI : Uburundi busha ntimubututish IJURU.
Kuko : naho nyene hazabaho ugupfa (YOSUA 7 :4-5) n’ugusonza bo n’ukugwara nkuko vyanabay muri KANANI bamaze juhegukira.
Kuki wama ubaza ngo mbega isezerano rizashika ryari? irabe mumutima, ncuti. Isuzume neza. Rushiriza kwihana no kwiyeza. Kuko udapfuy nka Aroni canke MOSE (kuko batashitse muri Kanani kubera igihano : GUH 20 :12 ariko bakarangiza neza kuko bahariwe ivyaha vyabo kuko abaherezi batatangira abandi ibimazi vy’ivyaha batamanj kwitangira ivy’ivyabo : ABAHEBURAYO : 7 :26-27), uzashobora gupfa nka Kora na Datani (Kuko abo bagararij Imana banka kuyumvira barandugwa mubandi, isi irabamira : GUH : 16 :31-33).
None ndabaza : MOSE na ARONI hamwe n’aba KORA na DATANI bose ntibari basangiy urugendo bo n’isezerano bija I KANANI? Bose ntibapfiriye munzira ntibashikayo?
ARIKO : Abo babiri bambere babuze KANANI baronka IJURU. Abo bandi nabo, babuze KANANI babura n’IJURU ariko baronka GIHONOMU.
Nawe rero ushobora gupfa unomusi, ncuti ureretse isezerano.
Kandi, naho wizera koko, upfuy utitunganij ntajuru uzabona.
KORERA IJURU nantaryo ryo wasezeraniwe ubwa mbere. Niwakorera ijuru, isezerano rya ISIRAYELI YA KABIRI uzarironka nimba ukirambiy hano. Ariko, ugashira kumutima iryo rindi ukibagira ryarindi rya mbere, ushobora gutwagwa n’ukwipfuza bo n’igihababu c’imigisha n’imihezagiro bo n’ivyiza bizaba bihari MUBURUNDI BUSHA bitume umera nka AKANI (kuko bamaze kujabuka Yorodani bakinjira KANANI, hamwe banesha i YERIKO, yivye kuvyagizwe inyegu z’Uhoraho bituma yicishwa amabuy baramuturira n’abiwe bose : YOSUWA 7 : 19-21, 25) unacumurireyo naho waba uza washitseyo. YESU ADUTAHUZE CANE GOSE BAKUNDWA.
(Sangiza abandi ubu butumwa kugira nabo bumve ico Mpwemu atugombako muri kino gihe c’izinguzingu).