Tegera agakuru ka Lyse.

Agakuru gakora ku mutimaUmunsi umwe, mw’ishure ry’abakuze biga ku mugoroba, umwigisha w’icigwa ca psychologie yinjiye mw’ishure abwira abanyeshure ati: 

« Reka twese dukine agakino! » 

« Akahe gakino? » Babaza mwigisha.

Mwigisha asaba umwe mu banyeshure yumva ashaka kuza imbere. Maze umugore yitwa Lyse aza imbere.

Mwigisha yamusavye kwandika ku kibaho amazina y’abantu 30 yumva ko bakomeye mu buzima bwiwe.

Lyse yanditse amazina y’abagize umuryango wiwe, bene wabo, incuti, abo bigana n’ababanyi biwe.

Mwigisha aca amusaba gufuta amazina y’abantu 3 muri ayo yanditse yumvako baza inyuma y’abandi, aca afuta abo bigana, mwigisha yongera kumusaba gufata ayandi 5, Lyse aca afuta ay’ababanyi biwe. 

Vyarabandanije gushika aho hasigara amazina 4 ku kibaho: irya mama wiwe, papa wiwe, umugabo wiwe n’iry’umwana wenyene w’umuhungu yari afise.

Ishure ryose riri mu gacerere ntangere kuko babonyeko utakiri umukino wa Lyse gusa.

Mwigisha amusaba gufuta ayandi mazina 2. Aha rero vyaramugoye guhitamwo ayo afuta. Vyakabaye kera, afuta amazina y’abavyeyi biwe ameze nk’uwutabishaka kandi bimugoye rwose.

Mwigisha aramubwira ati rero ubu ni ufute irindi rimwe. Lyse arata umutwe arashavura, ibinganza bihinda umushitsi maze amarira yuzura amaso, ariko arateba afuta izina ry’umwana wiwe. Ahejeje araduka ararira cane aboroga kandi afise agahinda kenshi…..

Umwigisha asaba Lyse gusubira kwicara mu kibanza ciwe. Haheze akanya, mwigisha abaza Lyse ati: « Kuki wasigaje izina ry’Umugabo wawe gusa, kandi uziko abavyeyi bawe barakuvyaye, bakakwitaho, bakakugaburira….? » Ndetse n’umwana wawe waramwibungenze, uranamwibaruka yamara wamufuse usigaza umugabo gusa kandi bishoboka ko najo womubura woronka n’uwundi?!! »

Maze ishure ryose ngo cwe!! Buri wese yibaza ico Lyse aza gutanga nk’inyishu. Nuko Lyse n’ubwitonzi ntangere buzira ibigumbamba cank igishika arababwira ati: « Umusi umwe abavyeyi banje bazopfa imbere yanje. Umuhungu wanje nawe ni yamara gukura, azosinga jenyene aje mu mashure yiwe canke mu bucuruzi bwiwe cank aje no mu bindi kubw’impavu ziwe. Mu vy’ukuri umuntu rudende tuzosangira ubuzima bwanje bwose ni umugabo Wanje.

Abanyeshure bose baca barahaguruka bakomera amashi Lyse kuko yarabagaburiyeko ku buzima bwiwe. 

Ibi ni ukuri kandi ni ikimenyetso c’ubuzima bwacu.

Imana yaremye umubano w’abubakanye kandi ni umubano w’ubuzima bwose. Uze wame uha agaciro uwo mwubakanye igihe cose, ibi ntibiraba abagabo gusa, n’abagore nuko. Imana yahuje iyo mitima yompi iyigira umwe. Ni wewe rero wo kwitanga no gusigasira uwo mubano kurusha ubundi bucuti wogirana n’incuti, abo ukunda canke abo mu muryango wawe.

Ubwa mbere urondere Imana, hanyuma umuryango wawe ugakurikira, hanyuma mu gihe wamaze kugira urugo, Imana iza ubwa mbere hanyuma mugabo /umugore nawe agakurikira.

Igihe umaze gushinga urugo rwawe, ryohegwa n’uwo mwashimanye, rugire ruzima, ukuri, amahoro, ruryohere, uruhereze Imana, rurangwemwo urukundo ku buryo bose bipfuza kuryohegwa nkamwe!

Ububatse mwese muryohegwe n’ingo zanyu kandi ababitegekanya namwe mugire umugisha wo guhitamwo neza!

☔☂☂☂🌙🌙🌙⭐⭐🌙🌙🌙💑💑💑💑