Itangazo rya Irad Ndikuriyo

Message kubantu boose nnahora ndungikira Ubutumwa bwiza bwa Kristo Yesu mukiganiro cacu « IJAMBO RY’UMUSI »
Amahoro ava kukwihana no kureka icaha abane nacu twese, bana b’Imana isumba VYOSE.

Kumvo kandi zitamvuyeko, ubutumwa bwiza buhora bubashikira buri musi burashobora kutazahora buboneka nkuko vyahora.

Ivyo bikaba bitumwe n’imvo imwe 

             nyamukuru yuko : »Bimwe mubikoresho nnakoresha mugutunganya ikiganiro vyagize isanganya biturigwa n’umuyaga nkuba. »
Nnaho ivyigwa vya kaminuza bimfatiira, nakwigora ngo umurimo wa Data ukomeze. Ariko, ubu ho, ndiko nsaba Imana ice inzira kugira ngo satani atsindwe. Kumbure vuba turi bubandanye tubashikiriza ikiganiro nkuko vyahahora.
-Mukomeze gusubiramwo ubutumwa twabahaye, eka n’ubundi bwose muronk

 ( kuko abo Imana yahamagaye ni benshi). Mushishikare kwumva no gukora.

-Mwame mwiga gushima Imana muri VYOSE eka mbere n’imbere yo gusenga.

-Murushirize kuba kure y’icitwa icaha cose kandi, mukovye kwihangana, mukomeze ukwizera mwame musenga.
N’uko rero Uhoraho Imana atuzigame twese kandi, adukomeze tuze twongere guhura turi bazima mumubiri no mu Mpwemu.
Dusengeranire cane, bakundwa.

Abafise imitwaro, mureme. Imana musenga si Bayali ariko ni Uhoraho. Izabiyereka ibatabare.
Mugire ibihe vyiza, ndabakunda cane.

Irad Ndihokubwayo

Mwene so mugakiza.

Whatsapp :+265994341922