Isengesho ryo mugitondo

Mana yacu ,turagushimiye iki gitondo ciza uduhaye .Wazigamye benshi bari mw,itiro ,nta buhinga namba twakoresheje kugira tube tugihumeka.Si uko turi beza canke tukugororokeye ,ariko ni ubuntu bwawe .Turazi ntaco ukorera ubusa kuko nturi umuntu ngo wihende .Ivyo wakoze turazi ko ubifitiye intumbero .Rero turagomba ivyo waduteguriye ubiduhe kandi natwe ubwacu turagomba kukwiragiza no kuri uyu munsi wose ,ngo uje kuturinda ububasha bwa Satani wa mubi ,kuko atanezerererwa ivyiza udukorera .Hariho abarwaye turabakweretse ngo ubakize Mana ,abafise ibibazo bibaruhije mu mitima batabare Mana ,kandi hejuru y,ivyo turashaka Mpwemu Yera adufashe muri uru rugendo .Turakuragije ubugingo bwacu uje kuturinda impanuka zitandukanye na cane cane izo mu mpwemu ,utugire bazima aho tuzoba turi hose mu bikorwa no mu ngendo zitandukanye .Urakoze Data ko utwumvise kandi twizeye ko ubidukorera mw,izina rya Yesu ,amen.