#HumuraBurundi,
ABAFASHA NKURUNZIZA MW’IGANDAGURWA RY’ABANA B’IGIHUGU BARABANDANYA KUNYEGURUKA,N’UKUJA AHABONA! 28/01/2017
Inyuma y’aho yishongoreye,akikora mu gahogo,akoresheje amajambo atabereye umurundi w’umushingantahe,mu majwi yari yifashe akoresheje terefone yiwe ngendanwa,ababajwe n’uko hari abariko baramunyegurura ko we n’abo barikumwe bariko barasahura udufaranga tw’abarundi ,babahenze ko bafise imihari igwana,
#DIDIER_NYAMBARIZA ,yasubiriye kwifata ayandi majwi,aho yeruye ,akivuga uwariwe ,ico abarundi batari bazi!
Muri ayo majwi,#NYAMBARIZA,yemanga iciswe ibitero kw’ikambi yo ku #MUKONI mu ntara ya #MUYINGA,abanje kuvuga ko hari umuhari witwa #MALIBU ,bivugwa ko woba ari icitso c’iperereza rya #NKURUNZIZA kugira baje kudoriya ibivugirwa mu mihari nyezina ,iri ku rubuga RW’INTAMBARA !
MUTI NONE UWO NYAMBARIZA YOBA YAGIZE URUHARA URUHE MW’IREMENTANYA RYATEGUWE NA NKURUNZIZA, RIKABERA I MUYINGA?
Nk’uko abacitse kw’icumu muri uwo mugambi mu bisha babiyagiye uruganda rwa #HUMURA_BURUNDI,
Hari hamaze imisi hategurwa urwaruka rw’irya n’ino mu gihugu,hamwe na bamwe mu nzego z’umutekano,bagategurwa n’abantu bavugwa ko ari intwazangabo zo mu gisirikare zo ku mapete ya GENERAL,ariko bamwe batari bwamenyekane nk’uko NYAMBARIZA anyegurutse!
Izo ntwazangabo ,zahora zizeza abazikurikiye ko zifise abagwanyi hanze y’igihugu,none zishaka abo mu gihugu hagati,bazofasha mu gihe abagwanyi bobaye bateye,baje kubohoza igihugu,
Nibo bari bamaze imisi batoza amafaranga haba mu gihugu hagati canke hanze,bavuga ko abagwanyi babo bakeneye ibikoresho ngo akazi gatangure!
Ariko ivyo vyose bikaba vyari ibinyoma vyenyuza,kuko aho kuba bagwanya NKURUNZIZA ,ahubwo bakorana,
Bakaba abatanguye gukorana nawe kuva aho bankiwe kwakirwa mu muhari FOREBU, aho bashaka kwisungarika ku burongozi bwawo,ingabo zikanka kuko zisanzwe zizi amanyanga akunze kuranga izo ntwazangabo,
Bamaze kubona ko ata muhari n’umwe uri kurubuga rw’intambara ubakiriye,kandi yose ikaba iriko irishira hamwe ngo ikore urunani rukomeye,niho biga umugambi wo gusambura umuhari FOREBU, babona ko ariwo mutwe w’urugamba,mu kuwitirira indongozi zitarizo(N’UBU AKABA AHEJEJE KUBISUBIRAMWO AHO YAVUZE KO FOREBU IRONGOWE NA NIYOMBARE GODEFROID, UBUHERUTSE YARI YAVUZE KO ATAZI IVYO NIYOMBARE ARIMWO KUKO ATARAVUGA KUVA AVUYE MU BURUNDI),
Aho hose,bashaka gufasha NKURUNZIZA guhuvya abarundi,ntibamenye indongozi za nyazo za FOREBU, ngo abarundi ntibahave bawuhurumbira,
Amakuru dufise akavuga ko bagerageje kwiyegereza NIYOMBARE ngo abahe amajwi yiwe yemanga ko ariwe arongoye FOREBU ,maze bibafashe kuyisambura,yamara arabarahira,kuko we ata ngeso z’ububegito yari asanganywe kubwo abamuzi!
Ivyo vyose bimaze kwanka,niho biga umugambi wo gutegurira hamwe n’iperereza rya NKURUNZIZA, umutego w’irementanya,bipfuza ko wogwamwo abagwanyi nyabo b’umuhari FOREBU!
Uwo mutego ukaba wari wubakiye ku duhuha bumva irya n’ino,twahavuye dukwira igihugu cose ,eka no mu rutara kwa NKURUNZIZA turagerayo,uduhuha twavuga ko hari ibitero vy’abagwanyi bishobora gukorwa umwanya uwariwo wose,mu kiringo c’imisi mikuru ya #NOHERI n’#UBUNANI mu mpera z’umwaka uheze,
Hakaba harongerejwe n’umutekano cane mu nzego za reta,
Ariko kukaba kwari ugusokoroza ingabo za FOREBU ngo zikunde zije ahabona,zibaza ko hari abo bazifashanya,yamara bose ari abakozi b’igendereza!
Isoko ryacu ryaduhaye iyi nkuru ryagize riti,ivyabona ni urwaruka na bamwe mu basirikare n’abaporisi,bahenzwe n’ivyo birirahabiri,baravyuka amasaha y’ijoro ry’uwa 01/01/2017,bazana n’ibigwanisho babahaye,babwiwe ko haza kuba igitero co gufata amakambi igihugu cose,rero ko nabo bokwitegura,bagafata ibibanza,hageze batangure akazi,
Aho hari mu ntara ya MUYINGA,haheze akanya ,bano bari mw’ibarabara batazi iyo bagiye,bo bazi ko bagiye gutera,niho bumva iterefone ibasaba gusubira mu mihana iwabo,ko ivyo gutera bitakibaye,
Aho babisivya bari bahanahanye amakuru ko ata kimenyetso c’ingabo za FOREBU bariko barabona,irya n’ino!
Amakuru y’ibanga twaronse ,ariko tutashimye kwigumizamwo,ni uko izo ntwazangabo z’imico n’ingeso mbi zankiwe kwakirwa muri FOREBU,zoba zifitiye agashavu karimwo n’inzigo y’inzikira #HUSSEIN_RADJABU kuko yoba ari mu bashize ahabona amanyanga y’izo ntwazangabo mu gukorana n’iperereza kuko we asanzwe afise amaso n’amatwi mw’iperereza rya NKURUNZIZA, arico gituma ivya FOREBU n’ubu NKURUNZIZA bikimubiza agatuguta kubimenya,eka n’abarundi ntawumva n’agakacira mu vya FOREBU,ku buryo bamwe bibwira ahubwo ko atayihari,kuko ataco bayumvako ,
Iyo nzigo rero izo ntwazangabo zifitiye HUSSEIN RADJABU, yatumye bemeranya na NKURUNZIZA, irementanya ry’ibitero mu ntara ya MUYINGA ariyo RADJABU avukamwo,maze bayihungabanye,kugira bafate abantu abitwa ko ari incuti ziwe,bahicire abantu iyo ntara icafuke,nk’uko NKURUNZIZA yigeze kuyihungabanya mu kuhagandagurira abanywanyi ba #FNL mu #RUVUBU ,hakoreshejwe #COL_VITAL_BANGIRINAMA yarasanzwe arongoye ikambi yo ku MUKONI ,kugira bitukwe HUSSEIN RADJABU!
Bene gutegura iryo rementanya,babonye RADJABU n’abo basangiye urugamba mu muhari FOREBU bahinyuye uwo mutego,
Niho baciye bapfa kubita mu rudubi,bategurira inama ku kabare kiswe #CROIX_ROUGE,inama yari itegekanyijwe kubera ku wundi munyagihugu wo ngaho ku MUKONI asanzwe afise akabare,ariko Imana iramutabara,ntibahakorera,kuko niwe yari kwagirizwa ko yateramishije abagwanyi nk’uko vyagirijwe abakozi b’ako kabare ka CROIX-ROUGE, kandi muvyo ukuri hateramiye abakozi b’iperereza barikumwe na bamwe mu Banywanyi ba CNDD FDD n’#IMBONERAKURE,bategura ivya kirya gitero,
Ako kabare bakaba bashatse ko kugagwa kuko bakagiriza ko kanyweramwo abagwanya ubutegetsi,baba mu bice vya MUKONI!
Nk’uko mwabibonye mw’isanamu yabitwa ko bafashwe ,barashe ku mw’ikambi,hari uwavuze ko uwabahaye amategeko,yababwiye ko barasa hejuru gusa,hari n’uwariko arakubitwa,amaze gushavura,ahaguruka avuga ko ivyo gukubitwa bitarimwo muvyo bumvikanye,
Ni ukuvuga ko akagwi k’abantu 15 bateye ikambi,harimwo abazi umugambi ko ari irementanya n’abari babwiwe ko bateye vya nyavyo,n’ubwo ari bake ,baza gusanga iyindi migwi yahashitse kera,niho bagwa mu mutego,wateguriwe ku materefone na za ntwazangabo zishaka guhungabanya intara ya MUYINGA,isanzwe irabwa nabi na NKURUNZIZA kuko ata gikogwa na kimwe c’iterambere arayikorera ,n’ibije bigana iyo ntara aca abitwara ahandi,ayihora ko ivukamwo HUSSEIN RADJABU gusa,ugwanko yahuriyeko n’izo ntwazangabo ziriko zirashira amajwi yazo ahabona!
Isoko ryacu ryatubwiye ko ,kubera hari hateguwe kubera ubugizi bwa nabi bukorewe mw’iperereza no mu giporisi,haciye hahindagurwa abategetsi mu giporisi n’abarongoye iperereza,hazanwa uwitwa #NTAKIRUTIMANA_GERARD,yahora ari icegera c’uwurongoye iperereza mu #KAYANZA,uwo GERARD akaba ariwe ariko araboreza igifa abafashwe bose,ariho hari n’abarengutse imbere y’ubutungane kuri uwu wa gatanu bavunaguritse kubera inkoni bakubiswe n’uwo GERARD!
Ikindi kimenyetso c’uko hagamijwe umugambi wo kudurumbanya iyo ntara ya MUYINGA,ni uko n’abasirikare ,abaporisi canke abanyagihugu bafatiwe mu zindi ntara mw’iryo rementanya ry’ibitero vyo mw’ikambi,
Bose bazanwa i MUYINGA,kugira abicwa bahicirwe,abahaborerezwa igufa barihaborezwe,maze kabe akajagari muri iyo ntara,abanyagihugu baho baje mu ruhagarara kuko no mu majambo GERARD ariko arakoresha harimwo ayo gusomborotsa ABANYAMUYINGA,nk’uko womenga ashaka kubatera ubwoba ko hari ico abashakira kibi!
Tukabibutsa ko mu vyari vyatumye haba impari hagati ya BURAMATARI w’iyo ntara ya MUYINGA n’uwutwara igiporisi(commissaire provincial) muri iyo ntara nyene,harimwo ugushaka guhungabanya iyo ntara ya MUYINGA,aho uwo commissaire yashaka kuburabuza abenegihugu baho babagiriza ngo bakina poritike cane,yamara hari ibindi bivyinyegeje inyuma,arivyo twabayagiye haruguru,yamara Buramatari akavyamirira kure ,ko ahubwo bigamije guhungabanya intara!
Tugarutse kuri ayo majwi yasohowe na DIDIER NYAMBARIZA, n’ubwo ataduduriyeko amazina,yemanze ko ashaka kugwanya CNDD FDD n’uwayiremye (ariwe HUSSEIN RADJABU),tukabibutsa ko hari amanama yabereye mu gihugu c’#UBUGANDA ,aho abakozi b’iperereza bahuriye n’abanyeporitike bamwe ,hamwe N’ABO barongoye imihari itabaho,mu ntumbero y’ugupfundika uko bogandagura hakoreshejwe ishano(isumu),indongozi zo hejuru za FOREBU harimwo na HUSSEIN RADJABU, ariho hasohoka n’imvugo yavuga ko bakwiye kugwanya RADJABU ubwa mbere imbere y’uko bagwanya NKURUNZIZA,
Ubu hakaba hari abasirikare n’abaporisi bariko baragwa mu mporero,bazira aya majwi asohorwa n’abantu nk’abo,bashaka gukwegera aba n’abariya,ngo harico bazinanyemwo,
Ivyo bikaba nyene gusohora amajwi yiraramiye mu #BUGANDE aho akunda kwivunira akanyota kenshi,ku kabare kitwa #PYRAMIDE k’i #KAMPALA,abo yakwegeye bariko baricwa urw’agashinyaguro!
ICO RERO AKABA ARICO BAHAWE NA NKURUNZIZA CO KUMWICIRA HUSSEIN RADJABU, MAZE BACE BATAHA ABAHE IBIBANZA MURI RETA ,NA VYABIGANIRO BASHAKA BACE BABIJAMWO NA NKURUNZIZA,
KUKO BANO BASHAKA RADJABU ARI UMUPFU NIBO BAFASHIJE NKURUNZIZA MU NAMANSHINGAMATEKA NO MU BINDI BISATA,KUGIRA AKUREKO RADJABU,ASHOBORE N’UKUMUPFUNGA,AHO ATA N’UMWE YANAMUTABARIZA ,
KUBA YARASOHOTSE IBOHERO BIKABA BITAGUYE NABI NKURUNZIZA GUSA,HARI N’ABANDI BAZOJA AHABONA MU MISI,
ARI NABO BARIKO BARAMUGWANYA HANZE Y’IGIHUGU,KUKO BATIPFUZA KO ATAHA MU BURUNDI,BIBWIRA KO AZOHAVA ABIHORA KUVYO BAMUKOSHEREJE!
ARI NAYO MVO BATIPFUZA KO ABARUNDI BATABAGWA N’URUHANDE HUSSEIN RADJABU ARIMWO,URUGAMBA RWOPFUMA RUDINDIRA,YAMARA NTAWUZI KO BATOBA BARACEREWE KUZIBIRA IVYA FOREBU,KUKO UMENGO ITANGAZO RIBURA UMUZO WAYO RYARAYE RISOHOTSE!
IKINYOMA KIZOKUBITIRWE AHASHASHE!
Ukaba ushimishwa n’amakuru tugushikiriza fyonda #J_aime na #Partager,uyasabikanye n’abandi!