Ukora iciza ukagisanga imbere. Abisezerano babahamagarira gukora ivyiza gusa.

Umunsi umwe, umwana wimpfuvyi yagurishaubunyobwa kugira ngo aronke

amafaranga y’ishure,hageze nka saa munani

ata n’ijana arabona ryo kurya kandi ashonje,

acapfa kuja mu rugo rwari hafi gusaba amazi

yo kunywa. Aradodora

yugururirwa n’umugore mwiza amuha karibu,

umwana acasaba amazi hama azabona wa

mu mama amuzaniye ikirahure c’amata,

arakigotomera aramubwira ati:nta mafaranga yo

kwishura mfise kiretse hari igikorwa

mwampa nkakora nkishura aya mata yanyu nyoye, umu mama aramusubiza ati: ntakibazo pe ntabwo tuyagurisha ahubwo nyamba wumva

ushaka ayandi wombwira.Haheze umwaka , wa

mu mama ararwara amererwa nabi cane,

amavuriro yose yo hafi arananirwa bamuha

turansiferi aja muri bimwe mu bitaro

bikomeye. Agezeyo umuganga yamwakiriye

yahise amumenya inyuma yo gusoma

umwirondoro wiwe ndetse niyo yaraturutse.Acakora ukwashoboye kwose aramwitaho

umu mama arakira. Wa muganga acaja muri

finance arababwira ngo nibamukorere fagitire

yuwo mumama, barayimukorera.

Bayimurungikira muri chambre

yararwariyemwo,umu mama n’ubwoba bwinshi yibaza ahazokura

amafaranga yo kwishura ibitaro, agifungura

ibahasha yatungajwe n’amajambo yari yanditse

kuriyo fagitire kuko yavuga ati….

“IYI FAGITIRE YISHUWE N’IKIRAHURE

C’AMATA, KANDI IMANA IGUHE

UMUGISHA, Dr. Mukuru w’ibitaro”

ISOMO: Gira ineza wigendere kuko ineza

uyisanga imbere. kora share usangize n’abandiii