Abajejwe abinjira n’abasohoka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika babariye amakompanyi y’indege kwakira ingenzi zari zabujijwe na Trump gufata indege.Izo ngenzi ni izo mu bihugu indwi bituwe ahanini n’Abaislam, itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald Trump, rikaba ryababuza kuja muri Amerika.
Ikompanyi y’indege yo mu Kigobe, Qatar Airways, yavuze ko ica itangura kwinjiza ingenzi mu ndege ubu nyene.
KWAMAMAZA
Ibi bibaye nyuma y’amasaha make umucamanza wo ku rwego rw’igihugu muri Amerika, ahagaritse vy’agateganyo itegeko rya Trump, ngo kuko rirenga ku ngingo iri mw’ibwirizwa shingiro rya Amerika ibuza kuvangura amadini.
Leta ivuga ko izokwunguruza ku ngingo y’uwo mucamanza.
Umuvugizi w’ibiro vya bwana Trump yavuze ko itegeko rya Prezida rigamije gukingira igihugu, ngo kandi leta yemera ko rikwiye kandi ryubahirije ayandi mategeko.