Burundi: indwara y’abakenyezi yabaye ndanse

UBWANDU BWO MUGITSINA GORE (INFECTION VAGINALE)

Kimwe mu ndwara zibangamiye abagore n’abigeme muri iyi minsi yacu ni infection vaginale kandi yabaye akananira bahinga kuko abenshi birirwa kubaganga bavura indwara z’ifatiye kubihimba vy’irondoka(gynécologues) ariko vyabataye kuwamazi.
Ndazi ntakekeranya ko benshi barushe kandi bihevye kuko babuze umuti ushobora kubivura bigakira.

Ndipfuza ko buri mwigeme wese yokurikirana ubwitonzi iki cirwa kugira amenye uko yokwifata.

UBWOKO N’IBIMENYETSO BWA INFECTION VAGINALE
Infection ziri ubwoko bwinshi ariko twibanda kuyigishibije kurusha izindi kuko benshi bayitiranya na infection urinaire.
1.CANDIDOSE VAGINALE
Iyi ikaba ifatira mû gitsina gore,ikaba iterwa n’umugera bita « Candida Albicans » ukaba ugishibije.

Iyo umaze kwinjira mugitsina gore,ukahigarurira,ugabanya urugero rw’imigera idatera indwara uba mu gitsina gore( flore vaginale) maze ibimenyetso bikurikira bikigaragaza :
* Gusarasatwa(démangeaisons) kugitsina(petites et grandes lèvres) bigatuma aguma yiyagaza.
* Ibintu vyera bisohoka biva mugitsina migandanye(leucorrhées)
* Gutukurira mû gitsina (rougeur)
* Uduherehere tujako.
Ubu bwoko bwa infection, bufata ibice 75% vy’abakobwa n’abagore mu buzima bwabo.
NB. Benshi mû bakobwa iyo babibonye barinumira bikabatera ubwoba kuko bibaza ko bishobora kuba vyatewe nuko Noba barasambanye, Oya,sivyo,bibwire abavyeyi babavuze kuko biva kubindi.

2. LA VAGINOSE BACTÉRIENNE
Iyi nayo iterwa n’umugera bita  » Gardnerella vaginalis  » ukaba w’injira mugitsina gore ukonona igitsina maze ibimenyetso bikurikira bikiyerekana :
* Kwakaka mû gitsina (brûlures vaginales)
* Kunuka mû gitsina gore (Odeurs désagréables)

Na cane cane iyo ihuye n’imbuto z’umugabo (sperme).
* Ibintu vyera biva mû gitsina gore vyinshi.
NB. Nubwo kunuka birwira iyo yahuje ibitsina bikarwizwa n’imbuto zamugiyemwo,ntiterwa nom guhuza ibitsina.

3. MYCOPLASME
Iyi rero ishobora gufata umugabo nkoko ifata n’umugore kubice 70%.

Ikaba iterwa n’imigera bita  » uréaplasma urealylcum » na  » mycoplasma hominis » iyo imeze nkimwe ya mbere ku bimenyetso ariko iyo yavuye ku mugera twita mycoplasma genitalium ishobora gutera ubugumba ku mugore canke ku umugabo kuko ishobora no gutembera mû maraso,mû mate(salive), mû impwemu kugeza naho iteza ingorane yo kwakaka ku muryango w’igitereko (col de l’utérus).

NONE TWOZIKINGIRA GUTE?
Biragoye kuzirinda ariko ni kugerageza,hari ivyo umugore canke umwigeme mukwirinda :
* Inywa amazi akwiye( niburiburi amaritiro 2).
* Ntugashire amasiripe muri douche canke ahandi haca umuyaga.(vyiza woyamesa,yumye ukayabika musakoshi wabanje kuyagorora n’ipasi)
* Girira isuku zirya toilettes z’ikizungu (toilettes à siège)
* Kaba isiripe uhejeje guhuza ibitsina.
* Irindi amasiripe akubana canke agufata cane cane akozwe mû nylon.

Ivyo bizogufasha,nuvyubahiriza
Uwumaze kugwara turamufasha gukira
         Tubafitiye isabuni ishobora kubafasha mukwikingira nomukubungabunga ibihimba vyirondoka 
Uyikeneye hamagara kuri 71547712 ou 75153646

+25761699796

Uribuka gusangira ubu butumwa n’abandi.