Umutumiro w’amasengesho.

AMASENGESHO Y’EJO IGENEKEREZO RYA 08/02/2017.Turabaramukije amahoro y’Umwami wacu Yesu Kristo aganze imitima yanyu mwese,tuti « Shalom ! »Ncuti bagenzi namwe hanga mwese, twagira tubibutse ko ejo aho bukera dufise amasengesho azomara amasaha 12 nukuvuga kuva isha 12 z’agatondo(6h) gushika isaha 12 z’umugoroba (18h).

Urufatiro;(TURI ABO UHORAHO YIREMEYE YATORANIJE NGO IBIHE VYOSE TUMUTAZIRE).             

YESAYA 43:21. ZABURI 100:1-5

Bavukanyi dusangiye urugendo, reka tubasabe aho muzoba muri hose mushoboye gukoranira hamwe muze mubwirane, aya majambo y’Imana! Naho uzoba uri wenyene uzoyasome nijwi ryawe uyasubiremwo uyumvirize kandi uyiyunvireko.

Harageze yuko dutangura gushima Imana kuvyiza vyinshi yadukoreye kuva tukivuka, kubitangaza idukoreye ubu no kuvyo igira idukorere ejo haza!

Ni muzirikane yuko amashimwe atava ku kiri mumufuko mugabo ava ku kiri mumutima.

Turangize tubiginga ngo umwe wese yumvire,yizere yongere atinye Uhoraho yashizeho isi n’ijuru kubw’lnkomezi ziwe kuko atakimunanira kuri iyi si kandi niyo asezeranye arashitsa (Guharura 23:19 ,Luka 1:37)

Murakoze ni dusangwe Imana, Uburundi n’lsezerano.

Bigiriwe i bujumbura kw’ igenekerezo rya 07/01/2017.

http://www.abisezerano.com