Ndabaramukije ncuti zanje, dusangiye amarushwa n’intambara. Ubuntu amahoro urukundo bibe muri mwebwe.
Nitwa Mboninyibuka Elcan, ndubatse neza ndafise n’abana batatu, ndasenga ,nsengera muri Pentecote muri Aumonerie. Akazi nisumamwo nd’ Umusoda.
Nasha dusangire ljambo ry’lmana dusoma mugitabo co Kuvayo 9:18-20
Mfise ljambo ryo kwira indani munzu.
18 Uti Raba, ejo nka bugingo ubu azosegenyura urubura rw’icago, rutigeze kuboneka muri Egiputa, uhereye igihe hitiriwe izina, ukageza n’ubu. 19 Enda none tuma gucuza inka zawe n’ibitungwa n’ivyo ufise vyose, biri kugahinga, kuk’ urubura ruzonyukura umuntu wese canke igitunzwe cose bizosangwa kugahinga bitugamye, bizopfa. 20 Nuk’ utinye ijambo ry’ Uhoraho wo mu basavyi bafarawo ahungishiriza abantu biwe n’ivyo atunze munzu, 21 Arik’ uneneje kw, ijambo ry’ Uhoraho arekera ibantu biwe n’ivyo atunze ku gahinga.
Reka mbanze ndabibutse indirimbo imwe yakera.
Hagiye kuza kwimvura y’impanukano, imvura :izagwa. Ibimenyetso vyerekana koyakuvye: turabireba. Iyomvura nsinkiyo Nowa yavuze indi izagwa ari imvura yimpanukano. Ngejejeha abayizi mubandanye nuwo ayifise ayiduhe muri Odio.
Bwoko bw’ lmana ndakuzaniye ijambo ryo kugusaba ngo winjire munzu yawe nivyo utunze vyose, imvura yakuvye igomba ingwe nimvura irimwo urubura imituragaro ninkukura numuyaga uteye ubwoba, lmana yambwiye mu mutma wanje ngo ndakubwire ucure inka imikuku nabantu bawe bose winjire munzu imvura ntikunyagire.
Bene Data imvur yakuvye kandi irateye ubwoba, burya Umwana w’ ubwenge yumvira murusaku,
Twasomye ico lmana yabwiye Mose, yamutumye gucuza ibintu amumenyesha icago c, imvura mbi irimwo urupfu, abo kwafarawo nabonyene iyo mesage yarabaraba Uwizeye yaracuye umuryango wiwe nivyo atunze, abo barakinjishijwe ntibanyagiwe. Ariko abaneneje kw,ijambo ry’ lmana baranyagiwe baca barapfa, namwe nimutumvira iyiriko irababurira namwe ntakabuza muzoba nkabo.
Rekandirimbe kandi, Twibereye mu mahema yawe Mana, imvura izagwa ntaco izotugira.
Birashoboka muri mwebwe hakaba hariho, abantu batejejwe canke batarihana, nimwebwe Yesu Kristo, ariko araburira, ihane, nimwezwe, lnjira munzu zanyu.
Ngaho, imvura ngaho imvura, yemwe bantu ngaho imvura ngwaho imvura , Bwoko bw, lmana bakozi b lmana ngwaho ngwaho Imvura irimwo icago niko numva mu mutima wanje, hariyo ijwi rya saraye yemwe yemwe imvura urubura umuyaga inkukura ngivyo biraje. Injirana abawe injiza ivyawe nibinyagirwe.
Bwoko bw,lmana jewe Elcan ayamajambo ndafise nk, ijwi riko riromanga cane, vyahereye nijoro ryamye, bamwe bahava biyumvira ngo nukuravuta abandi ngo n,uburuhe abandi bati nimarariya igomba imufate: oya nimwezwe neza. Nayamajambo y lmana lmana yashize muwanje mutima abayumvise mwese mukayakira lmana ibahe imigisha Yera.
Dusenge, Mana yacu yo mw’ijuru ndagushimiye muri vyinshi, none Mana amajambo yawe bayumvise twayumvise, udushoboze kuyumvira nsenze nizeye ko ubidukorera mwizina rya Yesu Kristo Umwami wacu Amen.
Mboninyibuka Elcan Tel:69822273. Ndabasabe bikunze mu mutima wawe, ububutumwa tubuhanehane muma Groupe murimwo, ubikoze ntacaha uzoba ukoze, utabikoze nahonyene ntangorane ariko bikunze ndabibasavye mubikore. Murakoze lmana ibahe umugisha wera.