Ijambo ry’Imana murikurikirane.

IJAMBO RY’IMANA RY’UY’UMUSI KUVA 19HOO ZIBURUNDI. BY MANIRAKIZA RICHARD. Ndabaramukije mwese mwizina rya Yesu. Numva umunezero mwishi wokuvuganira namwe mwijambo ry’Imana. Uwatwigishije kare haraho yadukuye naho yatugejeje. Nanje narimfise icifuzo cuko Mpwemu yobaba hafi kugira ijambo tugiye kuvugana rigire icorikoze mubugingo bwuwariwe wese.

 Ndabasengeye mwizina rya Yesu ngo mube maso. Mube kumurongo. Ijambo tuvugaba rivuga uku :  » UGENDANE N’IMANA YAWE KUGIRA IZOKWIHISHIRIRE (IZOKWIYEREKE) YONGERE IBANE NAWE ». Twishimikiza iy’imirongo : Yohana 14:21-23; Mika 6:8; 2 Abami 3:11-24. Iyo mirongo muyisome.

Duhereye ngaho muri Mika 6:8 turabona ko mubintu Imana idushakako kugendana nayo kirimwo. Nicogituma nanje numva iryojambo ryankozeko kuko abantu beshi twigira ngo turab’Imana ariko ugasanga ntitugendana nayo. Muri Yohana niho haca habivuga neza. Haravugako uwitondera ivyagezwe ariwe ayikunda kandi iyukunda umuntu ukunda gusanga muri kumwe mubintu vyishi. Rero muze dukunde ijambo ry’Imana tugende ukwishaka nihotuzobasha kugendana nayo. Tumaze kugendana nayo izotwiyereka canke izotwihishurira iyariyo neza tuyibone ko ishoboye vyose atarivyo dusoma muri bibliya. Kandi tuyigire incuti yacu kugira yururuke ibane natwe.

Aho twasomye mugitabo cakabiri c’abami tuhabona Abami babiri ariko umwe yagendanye N’IMANA nkuko sewiwe yagendanye nayo. Uwomwami ni Yehoshafati. Uwomwami ageze mubikomeye Imana yaramwiyeretse ibana nawe ishibgiye kukuntu yagendanye nawe. Ariko uwundi mwami yagenze uko yidhakiye nkuko sewiwe yagenze. Agize icabaza Imana ntiyamwiyeretse ariko kubwa Yehoshafati narabonye ukuboko kw’Imana. Bisigura yuko tugendanye N’IMANA ko nabapagani bazovyungukiramwo bakabona ukigira neza kw’Uhoraho.

Rero norangiza ndababwira yuko Imana twizigiye ko ariyo kwizerwa . niyo twayigira incuti, tukagendera mukugororoka tutivanze ntankeka izotwiyereka kandi izururuka ibane nacu muvyo ducamwo vyose. Kubumvise irijambo bakarishira kumutima wabo Yesu abampezagirire. Kurya atawuzi iyumuyaga uturuka canke ngwamenye uko amagufa yumwana akurira munda ya nyina Niko atawuzi aho Imana izoca nuko izobigenza kuri wewe wagendanye nayo. Soma umusiguzi 11:5. Yesu abahezagire. Ijambo narimfise niryo. Mukanya ndabasengera.

Yesu ndagushima kukuntu wabanye nubwoko bwawe, kera ngo ntitwari ubwoko ariko agakiza katugize ubwoko bw’Uhoraho, ihanga ryera, Abami nabaherezi. Yesu nushimwe kurubwo buntu bugeretse kubundi watugiriye. Ikindi ndagushimiye nuko warinze abagize group ahobari hose udashingiye yuko bagororoka ahubwo ushingiye kumaraso ya Yesu yasesetse kumusaraba. Nuko mwami mwiza, ndakwinginze ngo ayo maraso atubeko twese atweze adutunganye. Aho hose vyase ko tugendana nawe kandi arivyo bikunezera, ndakwinginze ngo utubabarire, imbabazi zawe zitubeko. Utubashishe kungendana nawe kuko ariho uzotwiyereka ukereka isi nabanyamahanga ko uri hagati yubwoko bwawe. Ndagushimiye ko ubidukoreye kandi ko ugiye kwiyereka abumvise irijambo Hama bagafata ingingo yokugendana nawe. Ivyo vyose ndabisavye ndavyizeye mwizina rya Yesu Kristo . Amen.