*Ibinoboye vy’ukuri inyigisho za buri munsi*.
*_Kuwa Mbere, 13 Ruhuhuma 2017_*
« `Pasteur Chris Oyakhilome PhD« `.
*Suzuma iterambere ryawe*
*_Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera (Yuda 1:20)_*.
Gutera imbere bisigura, kugenda uja imbere. Bitegerezwa gupimwa, bitari ivyo ntiriba ari iterambere. Utegerezwa kugira intumbero, udafise intumbero zitomoye bica bikugora gusuzuma uko uba uriko uratera imbere.
Mu gutera imbere hari ibintu utegerezwa kwisunga. Ubwa mbere, ukwiye kuraba aho uri muri kubu naho ushaka gushika mu gutera imbere. Mbega ni mu bijanye n’amagara yawe, amahera, akazi, urudandazwa, canke umuryango wawe; ico ari co cose raba aho uri muri kubu. Ubwa kabiri raba rero igikwiye gukurikira.
Ubwa gatatu, tomora ico utegerezwa gukora kugira ushike ku rugezo rukurikira. Ibi bisigura ivyo wibwira ku bijanye n’inguvu, umwanya hamwe n’ivyo ukoresha. Ivyo ukoresha birashobora kugereranywa n’amahera, ibikoresho, canke ivyo ubwirwa, n’ibindi. Ubwa kane aribwo bwa nyuma, gira ico ukoze; kora ico utegerezwa gukora kugira uronke ivyo vyose ukeneye. Atari uko, ivyo werekwa, imigambi yawe n’ivyo ugomba gushikako ntibizoshitswa kandi ntakizovamwo.
Ndazi neza uramaze gutegura ivyo ushaka gushikako uyu mwaka; guma ubitumbereye. N’ubu senga muri Mpwemu Yera usengere imigambi yawe; iki kirakomeye kubera nico kizokwerekana ko wateye imbere mu migambi yawe. Umurongo twatanguriyeko uvuga uti:_*‘’Mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera.’’*_
Uyu mwaka, uzotera imbere, kandi wongere ugende uja imbere mu buzima bwawe birushirije uko vyahora, bitisunze ibiriko biraba n’ibigukikuje. N’igihe cawe n’umwanya wawe wo gutera imbere. Kandi niryo sengesho ryanje ngo Mpwemu w’Imana agire ico agutahuje yongere akurongore ufate ibikenewe vyose, wigenze ukuntu bituma gukura; gutera imbere, n’ugutunga muri 2017 birushiriza mw’Izina rya Yesu.
« `|Isengesho« `
Ubuzima bwanje ni nk’iriba riri mw’itongo. Ndama, ndatera imbere mu buzima bwanje impande zose. Ndanengesereye muri Kristo, kandi ibingize vyose n’ivya mbere. Mpwemu arandongora akongera akanyereka inzira n’ivyo nkwiye gukora kugira gutera imbere, guhezagirwa bibe rwanje mw’Izina rya Yesu. Amen.
*Ukubinoganza*:
zaburi 1:1-3;
1 timoteyo 4:15
*INTEGURO YOGUSOMA BIBILIYA MU MWAKA 1*
Matayo 28
abalewi 4-5
*INTEGURO YO GUSOMA BIBILIYA MU MYAKA 2*
Matayo 14:1-10
Itanguriro 44
Ronka igitabo cawe c’ibinoboye vy’ukuri vy’ukwezi kwa kabiri uciye ngaha
👉 *http://bit.ly/1MZfQRS*
For a daily article reading and feedback:
*www.rhapsodyofrealities.org*