AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KU WA 15/02/2017
Bene Data,Barundi namwe Barundikazi mwese mwizera kandi mutegereje Isezerano ry’Imana nzima,Shalom,
Twagomba twibukanye ko ku musi w’ejo aho bukera twese tuzoba dufise ca gikorwa c’amasengesho azomara amasaha icumi n’abiri,n’ukuvuga kuva 06h z’igitondo gushika 18h,z’umugoroba.
Intumbero:Gushima Imana kuko Igiye kutwambutsa Yoridani.
Gus 9:1-3,Ni mwumve yemwe Bisirayeli,mur’iki gihe mugiye kujabuka Yorodani,mwinjire Igihugu c’amahanga abarusha ubwinshi n’inkomezi,kirimw’Ibisagara binini bizirujw’inzitiro z’amabuye zigera lw’ijuru,2 n’abantu banini barebare,ni bo banaki nk’uko mubazi kandi mwarumvise babavuga ngo ni nde yohagarara abanaki imbere?3 Nuko lero uhereye ubu mumenye yuk’Uhoraho Imana yanyu ari we azojabuka abagiy’imbere,ari nk’umuriro utongora,ni we azobahonya,abamare igabo imbere yanyu,uko niko muzobona kubirukana no kubatikiza vuba nk’uk’Uhoraho yababariye.
Turangije tubashimira ku kigoro kanyu muzogira,kd tuzibuka abacu bari mu bibazo bitandukanye,murakoze,
Bigiriwe i Bujumbura ku wa 14/02/2017,ni dusangwe Imana Uburundi n’Abisezerano.