UMUNYAVYAHA YAMIRA MURUSENGERO BO N’UMUNYAVYAHA ATIGERA YINJIRA MURUSENGERO : Umuhigwe gusumba uundi ni nde?==========================
Irad Ndihokubwayo
Whatsapp : +265994341922
,
Ndatanze yambu, ncuti bakundwa bene Data.
Imana se w’Umwami wacu Kristo Yesu ininahazwe muri vyose na bose kuko ari ivyaremwe nawe.
Amahoro ya Kristo abane n’abamwizey bakamwakirira mumitima itanduye.
,
Ncuti mukundwa uri murusengero ariko ugakovya gusambana, ukiba, ukica, ukaraguza, ukabesha, ugasenga ibigigwamana,….eka wewe wese uzi yuko wiyita umu KRISTO ariko ukwihana kukakuba kure kandi wama muvyaha ubudasiba, winjira murusengero buri ndwi kandi Ijambo ry’Imana rivugwa imisi YOSE ariko ntiwihane wakwihana nturandure ngo uhebe bukey ugashishikara, PETERO ati : »ivyanyuma vyawe bizosumvya ivyambere ububi. » Uragowe caane wewe ukora icaha nkana uzi ko ari kibi kandi ukarushiriza kugikora ushingira intahe KRISTO. Uraririmba, uravuga ubutumwa, urakora iyindi mirimo y’Imana ariko ufise ukugamika izosi muri wewe ntiwihana. wabikiye ibanga satani umwe ajana abamwizeye muri GIHONOMU uta irya KRISTO uutanga ubugingo. ndakubwij ukuri uzahanwa urubanza ruruta urw’urya munyavyaha yama muburaro n’ubunywero n’ibindi bibanza vy’ab’isi atazi INSENGERO atazi ISABATO, IBIKORANE, IYAMUNGU, IYAGATANU CANKE IYAKANE kuko wewe aho hose uhazi ariko hatagukijije. Kuko we niyumva ubutumw bwiza azaburutisha ivyaha vyiwe vyose arire caane aborogo aheze yihane vyoose.
,
Nawe wama murusengero ariko ugakora ivyaha ndakubaza : ko ubutumwa bwiza wabwumvise ugakovya gukora ivyaha ivyaha vyawe ukabirutisha ubutumwa bwiza, amaraso ya Kristo ukayita igihumanye ukiremesha ngo Imana irankunda, MBE? Naho Imana igukunda, ko ifise umwana umwe w’ikinege Yesu umwe yatanga ngo aducungure ari nawe watey akagere ugahumanya amaraso yiwe : Witeze kuzacungugwa n’uundi mwana w’Imana uyuhe?
Ndakubwije ukuri ntayindi ncungu ihari eka Imana ubwayo ntizakwitangira wantakebwa mumutuma we. ariko uzagukomantaza umutima gose ngo nutihana izaguhane bikabije.
,
Ncuti mukundwa ntukabikire ibanga SATANI.
Zirikana wame uca bugufi kuko abaca bugufi aribo bajana n’Imana :
-Ukwihana kutujana kumusaraba,
Gushika kumusaraba kuduha agakiza,
Agakiza kaduhuza na Data,
Data ari kumwe nacu ntaco tubura,
Turi muri Data duhabwa kunesha.
,
-Ukugamika izosi gutera ukuba ntagondwa kandi vyose bigereranwa n’ubupfumu bo no gusenga ibigigwamana,
Ukudahanugwa ni kubi kurakakuja kure,
icaha cose kidutandukanya n’Imana,
kuba kure y’Imana nikwo kuba murupfu.
,
AMAHIGWE YAWE NI UYU MUSI.
Ntumere nka ryabuy ryama mumazi munzuzi. ritabomba ariko ico rikoze riranyerera, uuriciyeko rimuta hasi..niko uri nawe. wama murusengero ariko umutima wawe hakuba uw’inyama urushiriza gukomantara kandi ukabera ibitsitaza ukagwisha abakristo bagenzawe : URAGOWE CAANE NUTIKEBUKA NGO WIHANE.
,
IMANA ITUZIGAME CANE ABAKIRIY KRISTO BAKAMUGUMYA.