Amasezerano ya Arusha ni iki kubarorereye amasezerano y’amahoro avuye mwijuru ku Mana?

Aha muri iyisi hariho ibintu vyinshi bivurwa bikumvwa na benevyo gusa abandi bakaguma bangaza imitima n’ubwenge muvyo bita ibiboneka, ivyubwenge n’ivyo abategetsi.

Nyamara rero nkuko ijambo ry’Imana ribivuga, yabihishije abanyabwenge maze ibihishurira inzoya. Ngaha tubinamwo amajambo abiri ahambaye. Guhishurirwa hamwe ninzoya. Abo bantu babiri barahiriwe kuko nibo bafise ukuri. Naho bitwa yuko ari babiri mu bisanzwe ni umwe. Abahishurirwa kubera ukwemera uguhishurirwa nizo nzoya abahushanye nabo ni abiyuta abanyabwenge.

Aya majambo tuyakuye ku ngene abantu benshi badashaka kubona ukuri bakihumisha amaso ibinyoma akaba ari navyo bemera maze ukuri bakagutera umugongo.

Wokwemera gute canke ukemera guta umwanya mu kintu ataho kizoshika gute kandi uzi neza yuko usobanukiwe iyo uriko uraja? Leta y’uburundi ngiyo isohoye urwandiko ngo nibafate abo batavuga rumwe bitatavye ibiganiro. None iyo ni politike canke ni inkinamico!

Burya Arusha ni inkina mico. Uwutabizi yobimenyera kuri iryo kete aho leta y’Uburundi isaba Leta ya tanzaniya gupfunga abitavye birya biganiro bita ivyamaho. Ibihanoro vy’amahoro ni isezerano Imana Uhoraho yagiriye ihanga ry’abarundi gusa. Ibindi ni guta umwanya mugushaka kugabangana ibibanza biharuye mumoko kandi ico ni ikizira mu maso y’Imana.

Birwirwa benshi bikumva benevyo. Mbwire gito canje gito c’uwundi cumvireho.